Accueil > Inkino > course > Ariko azunguruka isi agendera kw’ikinga, ageze i Bujumbura
Ariko azunguruka isi agendera kw’ikinga, ageze i Bujumbura
mercredi 14 Rusama 2014
Hari umugabo yihaye igikorwa co kuzunguruka isi yose kw’ikinga, ahaciye agenda arigisha ibijanye n’ikiza Ruhonyanganda Sida, yongera yigisha imico ndandakaranga y’igihugu ciwe.
Avuka mu karere Basanti kari mu ntara ya Sunderbans iri mu burengero bw’igihugu c’Ubuhindi. Kuva kw’igenekerezo rya 27 Rusama 2004 ahejeje kuronka urupapuro rw’umutsindo yaronkeye kuri kaminuza y’i Calcutta, Somen Debnath yaciye agira umugambi wo kuzunguruka isi agenda kw’ikinga. Yihaye intumbero yo kuzoca mu bihugu 191, gushika mu mwaka w’i 2020. Yaharuye asanga azogenda ibirometero 200.000, yasanze kandi azohura canke abonana n’abanyagihugu bongana imiriyoni 20.
Somen Debnath ageze i Bujumbura yahashitse kw’igenekerezo rya 12 Rusama, amaze kugenda ibirometero 104.750. Uburundi n’igihugu ca 87 mu vyo amaze gucamwo.
Aho bukera Somen w’imyaka 31 azogirisha ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Inyuma y’ico kiganiro tuzoca tubabwira ido n’ido rw’urugendo rwa Somen Debnath.
Amwe mu masanamu (foto) y’ingendo za Somen Debnath
Chérif Nkeshimana
Messages
14 Rusama 2014, 19:12, par Ntawuzahihera Edouard
courage ndumva umugambi ari mwiza na cane cane ugwize izo nyigisho kuri VIH/SIDA