Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Muri CENI basaba umwanya kugira barabe imwe mu myidogo y’ababituye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Muri CENI basaba umwanya kugira barabe imwe mu myidogo y’ababituye

Muri CENI basaba umwanya kugira barabe imwe mu myidogo y’ababituye

jeudi 20 Munyonyo 2014

Inyuma y’imyidogo itandukanye aho yaba imwe mu migambwe yidogera uko abashizwe mu ma CEPI na CECI vyakozwe, ubu naho hiyongereyeko bamwe mu bidogera uko abaronkejwe akazi ka rusasuma k’abazokwitaba amatora vyakozwe.

Kuri iyo myidogo yose, mu murwi ujejwe gutegura amatoro, bamenyesha ko badashobora gushimisha abarundi bose. Prosper Ntahorwamiye akaba amenyesha ko bakosoye ibishobo nk’amakosa yaboneka ko ivyakozwe bitakurikije amategeko. Ntahorwamiye agasaba ko abitwaye botanga umwanya kugira basome neza ivy’abo bitwaye basaba, kuko nk’uko abimenyesha hari bamwe bashira imbere ibirego bitagira ifatiro, n’abandi bavuga vyo.

Mukamenya ko mu migambwe imwe yaba iyiri mu runani ADC Ikibiri canke iyindi nka UPD Zigamibanga urongowe na Zedi Feruzi basaba umurwi CENI kwigiza inyuma ikirangaminsi co kwandika abazitabira amatora.


Aristide Nizigire

Messages

  • uwo mugabo akagaye avugana ntazi ko isi izunguruka, umwumvise ingene yishura aba journaliste, ubwo arazi ko politique ari umucafu uti urabaza abo yaciye ko, iyaba yarazi ingene ihera yokwicishije bugufi kuko amenye ko nawene ashobora kugenda mubandi.

  • Mureke akorere DD azojana nayo kandi azotangara abonye ivyashaka ko DD igerako itabigezeko gusa amenyeko abarundi tubona kandi twiteguriye guhindura ibintu muburundi bwacu CENI ivyiriko irakora iteranya abarundi kubera indazabo aba DD barabahenda uzobona ibikurikira

  • Hariho ikintu cantangaje kuri uyo mugabo, kubona yubahuka kugereranya Imana na CENI, akavuga ko CENI atako yokwmegwa na bose ngo n’Imana ntiyemegwa na bose, ha! aho rero urahagabira cane Ntahogwamiye!!! ugasangwa wibaza ko iyo CENI yanyu iriko ikora ibihushanye nico yashiriweho, itagira ubwigenge, ituzuriza bose, mu ncamake ikaba iri icibare ca DD, uragenza na buhoro, buraca bugacana ayandi, kandi ngo aho uri hari abandi, nawewe uzohava hazoja abandi. Ikibwigwa ni icumva nayo icerekwa ni ikibona. NDAVUGA SIMVURA !!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.