Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakunzi ba Saido Berahino baridogera umumenyereza w’umurwi nserukira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakunzi ba Saido Berahino baridogera umumenyereza w’umurwi nserukira (...)

Abakunzi ba Saido Berahino baridogera umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu

vendredi 21 Munyonyo 2014

Abakunzi b’umukinyi Saido Berahino barashavuzwa n’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza atamukinisha kandi abishoboye. Batangazwa n’uko umumenyereza akinisha abakinyi bashaje.

Saido Berahino amaze guhamagwa incuro zibiri gufasha umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, ariko nta na rimwe arahonyoza amaguru mu kibuga. Saido n’umusatirizi akomeye mu murwi wa West Bromwich, abakunzi biwe ntibatahura igituma umumenyereza Roy Hodgson atamukinisha kandi ashoboye.

Ikibabaza abakunzi ba Saido Berahino, n’uko mu myaka igera kuri 30 ata mukinyi wa West akinye mu nkino z’umurwi nserukiragihugu, uwuheruka gukina mu murwi nserukiragihugu ni Steve Hunt, hari mu mwaka w’1984. Ivyo biri uko mu gihe, Roy Hodgson akinisha abakinyi ba kera kandi bashaje kandi afise abakomeye, bashoboye.

Amakuru duhabwa na Désiré NIMUBONA, umumenyeshamakuru wa Isanganiro asanzwe yaravuganye na bamwe mu bakunzi ba Saido Berahino, bavuga ko n’uwo mukinyi abizi ko bamurenganya ariko avyihanganira, bakizera ko mu nkino zo mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’2015 bazomukinisha.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Jewe iciyumviro canje reka abandanye azogera aho bamukinsha muga ico nsaba nuko yokwiymvi gukinra ubwongerza kuko uburundi kubukinra jewe nta benefits nta buzima yoronka kuko niyo business yiwe iburundi hariho abaknyi beza arko ntibabakinisha bakinisha izina kandi ntibashingire kuba caocha bo hanze ni bururundi barahari kanyenkore yaunde arabizi bace barba nuwundi amufasha akarorero murabre Nigeria imaze gutwara african cup nimubonereho namwe akarorero kabe akonyene

  • aho nabanze ace ubwenge abone yuko muhira ari muhira uko hasa kose, nabado batara mwereka imihwi ari mukibuga.

  • watanze iciyumviro ariko ntiwatomoye ivyiza nuko guhitamwo umugwi wIntamba ntibabiharire umuzungu gusa nivyegera vyiwe bikore kandi bimufashe kuko abarundi bashoboye bafise ingabirano bariho AMEN

  • Vyarambabaje,kuberiki,abarundi,twibagirwanabi?Ikibazoyishimiye,guhamagarwa,muririyakipe,arikobirashoboka,ntanzongere,guhamarwa.Tuzorabe.

  • nakomeze Abe frop abarundi yaraduhemukiy

  • NIBAMU KINISHE ARABISHOBOYE CANE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.