Accueil > Amakuru > u Burundi > Asaba gusubizwa umwana wiwe amaze imyaka itatu anyurujwe
Asaba gusubizwa umwana wiwe amaze imyaka itatu anyurujwe
mardi 2 Ndamukiza 2013
Hari umukenyezi avuga ko aheruka kubona umwana wiwe inyuma y’imyaka itatu umwana anyurujwe. Uwo mwana akaba abarizwa muri komine Buyenzi. Uwarera uwo mwana agasaba nyina w’umwana kwerekana ivyemeza ko umwana ari rwiwe.
- Umuvyeyi avugako umwana ari gwiwe
Uwo mukenyezi yitwa Claudette Kamikazi amenyesha ko yabuze umwana wiwe aho yari mu kiriri inyuma y’indwi imwe gusa avyaye. Akemeza ko umwana wiwe yari yaranyurujwe n’umuntu yari ku pikipiki, aho ngo hari mu mwaka wa 2010. Nk’uko abandanya avuga n’agahinda kenshi, ni kuri uyu wa gatanu, aho yaronka amakuru ko umwana yabuze haheze imyaka itatu yoba abarizwa muri komine Buyenzi, aho bita mu Kinogono. Amaguru yaramukundiye araje kuraba uwo mwana wiwe ubu afise imyaka itandatu. Agishika aho hantu, yarakiriwe, niho yaciye abona umwana wiwe yitwa Trésor IRENGE. Nk’uko abandanya abivuga, uwo Claudette Kamikazi avuga ko ariwe nyina w’umwana, baramwankiye dutahana umwana wiwe, yamaze mbere guhindurwa n’izina, ubu akaba yitwa ni zina yitwa ILAL.
Niho yaca yitura musitanteri wa komine Buyenzi kuri uyu wa gatanu nyene ku muhingamo. Umukuru w’ikirindiro c’igipolisi aho mu Buyenzi aca amuha abapolisi batatu ariko ngo asubiye aho umwana wiwe aba baramwankiye gusubira kubona uwo mwana. Kuri uyu wa mbere rero, niho twamusanga ku biro vya komine Buyenzi inyuma yaho yari ahejeje kwumvirizwa n’uwurongoye iyo karatiye yo mu Buyenzi aho yamusavye kwerekana ko umwana ari rwiwe koko. Amakuru twakuye aho mu Buyenzi yatubwiye ko atavyo yashoboye kwerekana kuko uwo mwana ataho yanditswe, ndetse no mu gitabu c’amavuka, eka nta n’impapuro zo kwa muganga yarafise kiretse izo yacandagirishije ko uwo mwana avuga ko ari uwiwe.
- Umuvyeyi yahora arera uwomwana
Uwureze uwo mwana Trésor Irenge ubu akaba yaramwinjije mw’idini rya isilamu akaba yahawe izina rya ILAL ngo wewe yaratoye uwo mwana hafi y’urugo rwiwe, amugirira impuwe za kivyeyi. Mwali Kamikazi avuga ko uwo mwana yamushikanye ku batwara komine igihe yamutora hama komine imuha n’ivyemeza ko areze uwo mwana atari rwiwe. Kubona nyina w’uwo mwana yabonetse ntacobuza ko umwana asubira mu minwe yiwe, ariko asabwa kubanze kwerekane ivyemeza ko umwana koko ari uwiwe nk’uko amategeko abivuga.
- Commune Buyenzi
Patrick Wasso