Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > ASARECA : Ishirahamwe rifasha guteza imbere igisata c’uburimyi
ASARECA : Ishirahamwe rifasha guteza imbere igisata c’uburimyi
mardi 10 Nyakanga 2013
ASARECA ni ishirahamwe ryishinze guteza imbere ubushashatsi mu vyerekeye uburimyi n’ubworozi rifatanije n’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi baratunganije ibirori vyo gutanguza inama idasanzwe ijanye nivy’ubushakashatsi. Iyo nama ikaba itegura iyizoba mu kwezi kwa Kigarama ku civugo "Guhindura igisata c’uburimyi mu ntumbero yo guteza imbere ubutunzi muri Afrika yo hagati na Afrika y’ubuseruko.
Asareca ni ishirahamwe rihuza ama Leta, ryavutse mu mwaka w’1994, rigizwe n’ibihugu 11 arivyo Uburundi, Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Erytrea, Ethiopie, Kenya, Madagascar, Rwanda, Sudani, Sudani yo mu bumanuko, Tanzaniya hamwe na Uganda .
Ishirahamwe ASARECA rishigikira uburimyi butwara igice kimwe kuri bitatu vy’isi ndimwa yose yo mu bihugu vya Afrika yo hagati hamwe na Afrika y’ubuseruko.
Rirashigikira kandi bimwe biboneka ubutunzi bw’ibihugu vyose vyo muri iryo shirahamwe.
Ni muri iyo ntumbero ASARECA yakoze ibikorwa bitandukanye nk’akarorero ubushakashatsi mu vyerekeye ivy’uburimyi mu bihugu 11 vyo muri Afrika yo hagati hamwe na Afrika y’ubuseruko mu ntumbero yo kurwanya inzara n’ubukene.
Odette kayitesi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, muri iyo nama, yarashimiye cane ishirahamwe ASARECA kubona ryaratoye igihugu c’Uburundi kugira abe arico gitegura iyo nama igira kabiri, kuva ku genekerezo rya 9 gushika kurya 13 Kigarama 2013.
Imigambi 30 ikaba ariyo yatangujwe mu gihugu c’Uburundi n’ishirahamwe ASARECA, aho harimwo 18 yamaze gusozerwa, 12 nayo ikaba ikiriko irarangurwa.
Floxella Karire