Accueil > Amakuru > u Burundi > Asiatique: Amayarara atabwa mu miserege y’ibarabara rishasha
Asiatique: Amayarara atabwa mu miserege y’ibarabara rishasha
mercredi 8 Ndamukiza 2015
Inyuma y’aho abanyagihugu bo muri quartier Asiatique baronkeye ibarabara ryiza rishashe amabuye hasi ku buhinga bwa kijambere, abanyagihugu ntibaramenya uko bafata neza mabarabara.
Imiserege y’ayo mabarabara itwara amazi, inyuma y’amezi make yubatswe, ubu irangwamwo ivyatsi n’imyanda y’ubwoko bwose, iyo miserege rero yuzuye iryo yarara, igashobora gutuma amazi abura aho aca, agaca yitorera inzira, aho ashobora kwitera mu mazu y’abantu, akonona ibitari bike. Nk’uko bivugwa na bamwe mu banyagihugu baba muri iyo quartier, harakenewe ko abanyagihugu bahabwa inyigisho z’uko boyabungabunga, kugira imvura ntisubire kwonona amazu n’ibitu vy’abantu,nkuko vyahora mu gihe c’imvura.
Tukabibutsa ko imbere y’uko abo muri quartier Asiatique bakorerwa amabarabara, imvura yahora irwa, amazi yose agaherera mu mazu yabo, ibitari bike bikononekara.
Aristide Nizigire
Messages
8 Ndamukiza 2015, 14:39, par uwubizi
None ko naheruka hari ibikorwa rusangi buri samedi??
Normalement chaque quartier yategerezwa kwisuganya ariko kandi birababaje kubona abantu bata amayarara muri caniveau nk´uko umengo nta responsabilité umwe wese ashobora kugira!!! Turacari kure basi!!! Mentalité zacu ziracari mu mitumba!!!!
8 Ndamukiza 2015, 16:02, par Nuwera
Jewe harahongera nkumva noheba nkarira! Arikogayemwe ubuntimuramenyako ivyobibtumukora kwarivyo ejohaheze birimugace kamwe kivyatumye inkukura zitera mumazuyacu zigahitana abacu nivyacu!? Mbemuraziko ivyomyarunze mumufurege kwatahobitandukaniye nokwitega ibombe? Ndababwirako mukina kwisumbi ariyongwara, kuko ejo imvuraniyarwa izotembana iryoyarara maze niryagera hariyahepfo kwa Nuwera bicebibana amazi adutere mumazuyacu adutembane munyuma batangaze ngo mu Burundi imvurayahitanye abantu bangana abanana. Jewe nabona icogikorwa carikuba icuwariwewese.
9 Ndamukiza 2015, 08:55, par ndikuriyo
iyo batwihera iryo barabara iwacu muri Gihosha tweho ntitworifyinyeko n’aho tugeze.
9 Ndamukiza 2015, 18:28, par egide man
ubwo abahaba n’abahakorera ndetse n’abahatwara ntibokwikubita agashi?
9 Ndamukiza 2015, 18:29, par egide man
ubwo abahaba n’abahakorera ndetse n’abahatwara ntibokwikubita agashi?