Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Atagikozwe uruzi rwa Kanyosha rushobora kwiha inkumbi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Atagikozwe uruzi rwa Kanyosha rushobora kwiha inkumbi

Atagikozwe uruzi rwa Kanyosha rushobora kwiha inkumbi

dimanche 15 Ntwarante 2015

Abanyagihugu bo muri komine ya Kanyosha muri quartier ya Musama ya 4, barageramiwe n’uruzi rwa Kanyosha, aho babona ko baryamye hejuru y’urupfu.

Abo banyagihugu bakavugu ko amazu yabo ageramiwe n’urwo ruzi, bivanye n’abantu barwimbamwo umusenyi n’amabuye, bigatuma narwo ruguma rurondera izindi nzira. Abanyagihugu baho mu Musama ya kane, bakavuga ko bamaze kubibarira inzego zitandukanye haraheze iminsi ko botabarwa ibara ritararwa, nayo abimba urwo ruzi bakabuzwa ku mvo z’umutekano w’abanyagihugu, ariko bakavuga ko atanyishu nyayo iratorwa.

Abimba uwo musenyi n’amabuye, abaka bayakurikira no munihusi y’inkombe y’urubibe rw’urwo ruzi, abanyagihugu bakabona ko ari rimwe, bakikangura amazu yabo aryamye mu ruzi rwa Kanyosha. Abo banyagihugu basaba abarongoye inzego zitandukanye n’ubushikiranganji bw’ibidukikije, ko boraba ingingo zo fatwa ku neza y’abo banyagihugu, ahandi ho, bakavuga ko inkumbi zizorwa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Bavuga ngo uwubandwa niwe abanda urugo, hitanane mugende kubuza abo baza kwimba uwo musenyi, naho nimwaguma muvuga gusa, muzosanga muryamye mu ruzi uko kubivuga, mudatanze mandat ya gatatu ntaco muvugana nabategetsi, vyanse mu mashi ni mushire mu migere.

    A.Bucanayandi

  • Ubuzima si ubwo gufyinisha ba nyaku!!!!!! Taka Mbonerane Albert abatabare, ivya environnement umengo aravyuka et il est devenu sage et catholique très pratiquant Nimba batabatanzeko incungu nkabo mu Gatunguru ntaco muzoba,
    Manirambona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.