Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Athletico Olympic yatakaje urukino rwa mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Athletico Olympic yatakaje urukino rwa mbere

Athletico Olympic yatakaje urukino rwa mbere

samedi 13 Ruhuhuma 2016, par egide

Umurwi wa Athletico Olympic wo mu Burundi watsinzwe mu rukino rwa mbere rwawuhuje na Fomboni FC yo muri Ile Comores, igitsindo kimwe ku busa, mu rukino rwabereye aho nyene muri Ile Comores.

Igitsindo ca Fomboni FC yo muri Ile Comores cinjiye kuri pénalty, urukino ruca rurangira ari igitsindo kimwe ca Fomboni FC, ku busa bwa Athletico Olympic.

Urukino rw’ugusubiriza ruzoba kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2016, i Bujumbura, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Primus League nayo yabandanije, ku munsi wayo wa 22 kuri uwu wa gatandatu. Imirwi ikaba yarushanije uku gukurikira :

Muyinga : Olympic Star 1 - 1 Messager Ngozi
Bubanza : Les Eléphants 1 - 2 Olympic Muremera
Bujumbura : Bujumbura City 1 - 0 Inter Stars
Magara : Nyanza United 0 - 0 Les Crocos FC

Makamba : Aigle Noir 4 - 1 Flambeau de l’Est

Kuri uwu w’Imana, isaha icenda, Messager Bujumbura izohura na Les Jeunes athlétiques.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.