Accueil > Amakuru > Poritike > Ati :"Rwasa akagirisha ikoraniro kaminuza rya FNL, amaboko n’amaguru vyanje (...)
Ati :"Rwasa akagirisha ikoraniro kaminuza rya FNL, amaboko n’amaguru vyanje nzoca ndabica."
jeudi 11 Mukakaro 2013
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL urongowe na Miburo Manweli yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru aho yatanze umuco ku bibazo bimwe bimwe bivurwa mu gihugu, haba mu gisata c’umutekano, igisata c’ubutunzi, imibano, umutekano ndetse n’ibivurwa kwitahuka ry’uwahoze ari umukuru w’umugambwe wabo Rwasa Agaton kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 11 Mukakaro uyu mwaka.
Yakobo Bigirimana asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL yavuze ko ku bijanye na politike, ubu intambwe ari nziza, aravye ko Leta yemeye kwakira abanyapolitike bamwe bamwe bari barahunze igihugu ariko ubu bakaba baragarutse mu gihugu cabo. Abo nabo akaba ari Nka Alexis Sinduhije arongoye umugambwe wa MSD, Pascaline Kampayano yigeze kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, Pancrace Cimpaye yahora ari umuvugizi w’umugambwe Sahwanya FODEBU, Aniseti Niyongabo umukuru w’umugambwe CDP, eka ndetse akavuga ko n’abandi bari mu nzira baza nka Rwasa Agaton yahora arongoye uyo mugambwe ndetse akaba yarigeze n’uguserukira uyo mugambwe nyene mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2010.
Yabandanije avuga ko intambwe politike igezeko mu Burundi ari nziza na cane cane ko ibiganiro biherutse guhuza Leta n’iyindi migambwe muri BNUB hamwe n’iyindi nama yabereye mu Kayanza, ko zabaye inama ngirakamaro kuko ivyazivugiwemwo vyari ibintu bihambaye ku buzima bw’igihugu. Yaciye rero abandanya asaba inama nshingamateka ko integuro zigenga amatora yo mu mwaka w’2015 zatorewe mu Kayanza ko zokwemezwa zose atanarimwe ikuwemwo. Yasavye kandi Leta gukomeza ku rwiza ibiganiro nk’ivyo kuko bituma abantu bicarana maze bakavugana vyinshi ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu. Yavuze kandi ku bijanye n’ingingo zimwe zimwe zatangajwe n’umukuru w’igihugu ko ziizohinduka mw’ ibwirizwa nshingiro kuko zitakijanye n’igihe tugezemwo. Kuri ivyo avuga ko ari vyiza cane kuko hari ingingo ubu zitagikorana n’ibihe tugezemwo, ariko aca asaba ko izo ngingo zovurwa, zikaja ahabona kugira ngo batangure kuziganirako na Leta. Yabandanije avuga ko Leta ikwiye gushiraho umurwi wo kumenya ukuri n’ukurekuriranira ku gira abarundi baze bavugane aho bitagenze neza, aho batsitaye eka mbere aho umwe wese yashaye kuri mugenzi we basabane imbabazi.
Ku bibazo bivurwa muri FNL, yishuye abamenyeshamakuru ko mu mugambwe iwabo bari basavye abanamarimwe ko bokwitegura maze bakazoja kwakira uwahoze abarongoye ku kibuga c’indege, ariko rero bagaca batangazwa n’ivyavuzwe n’umuvugizi wa Rwasa ariwe Aimé Magera aho yashikirije kw’iradiyo RPA ko atanakimwe bafise bazovugana n’imbonerakure. Iryo jambo rero ngo ryarabashavuje cane, na rirya bo bazi ko ari abanamarimwe. Yabandanije rero avuga ko ikibazo kitari iwabo, ariko bo bipfuza kwakira Rwasa nk’umunamarimwe maze bagaheza bakavugana ku ngorane zimwe zimwe zihanze umugambwe wabo, ariko rero ko yabise imbonerakure, avuga ko atakamaro ko kuzogenda ku mwakira.
Ibivurwa kandi ko Rwasa azotegura ikoraniro kaminuza ry’umugmbwe wiwe FNL, Yakobo Bigirimana yavuze ko Rwasa atamugambwe afise, ariko ko hari aho yoba afise umugambi wo gushinga umugambwe wiwe atakibazo, ariko kandi akaba yarahiye ko hamwe Rwasa yogira ikoraniro ry’umugambwe FNL mu Burundi, yiteguriye kuzoca yica amaboko n’amaguru vyiwe ndetse bigacikira hasi.
Ku bibazo vy’umutekano, avuga ko ubu umutekano umeze neza n’aho hari uturwi tuza turasesa amaraso y’abanyagihugu. Aho rero yasavye Leta ko yorwiza abajejwe umutekano ku mabarabara bagahasha utwo turwi kuko amaraso yasesetse ari menshi atayandi bashaka ko yobandanya aseseka na cane cane ko abarundi baruhijwe n’intambara.
Mu gisata c’ubutunzi naho, avuga ko igihugu gikenye arico gituma ubuzima bwasubiye kuzimba, aca asaba Leta ko yokora ibishoboka, ikiniga kugira amatagisi yari yakuye ku bifungurwa ntiyasubizeko kuko ubukene buri mu banyagihugu bwokora inzara bugata. Ati abahembwa imishahara haba nk’abashikiranganji, canke ndetse nawe nyene ari mitende, ati ariko abanyagihugu ubu bageze habi, ari naco gituma Leta yokwemera ikicumita inkota kugira ntisongere isibe mu gusubizaho amakori ku bifungurwa bimwe bimwe. Eka kandi yasavye amakungu gtanga ivyo yemeye. Ariko rero akaba yahanuye abanyagihugu kugabanya kunywa inzoga ahubwo bakitwararika ibikorwa cane kuko ariho iterambere riri.
Akaba yarangije yishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru avuga ko ubu yiteguriye gusaba umubonano umukuru w’umurwi wigenga ujejwe ivya’amatongo n’ayandi matungo musenyeri Serapiyo Bambonanire, kugira bavugane ikibazo c’umunywanyi wa FNL yavuze ko ariwe yoba ari inyuma y’amatati y’itongo afitaniye n’umupfakazi Maderena, yagiriza uyo musenyeri ko yamunyaze itongo.
Ku bagirizwa ubwicanyi ndengera butungane, aho abantu bamwe bamwe ubu bariko bararekurwa bari baragirijwe kwica urw’agashinyaguro abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD, eka kandi muri abo bagiye baratorwa ibiziga harimwo abanamarimwe b’umugambwe FNL, yavuze ko iyo dosiye yayikurikiranye, ariko rero ko iyo ikibazo ubutungane bwafashe ingingo zabwo, we yumva yobanza akaja muri izo dosiye akazikurikirana bushasha, hanyuma akagira ico ashikirije mu nyuma.
Aristide Nizigire
Messages
11 Mukakaro 2013, 07:41, par kok
hemwe ndumva bitoroshe, Rwasa ntimuzomukira!!!!!!
11 Mukakaro 2013, 11:31, par musemakweli
Reka aze akoranye inama ndabe uko wica amaboko!!!!
11 Mukakaro 2013, 23:45, par Kwizera Adelphine
Ayo maboko namaguru niwitegure akoroke ayandi acike,araje dukorane inama ibe kumugaragaro.ba uragura brancar bazoza bagutembagarizako wa nfyisi we.
12 Mukakaro 2013, 01:47, par NTAVURA IDAHITA
yoo UMENYE KO POLITIQUE ARI POLITIQUE.AHUBWO ITEGURE KUMWAKIRA NEZA.MBEGA ABAHUTU TWABAYE GUTE? NUKWAMA TURYANA? IBUKA IVYO GAHUTU REMIS YAVUZE.
12 Mukakaro 2013, 13:20, par kamikamuntu@hotmail.com
Ntibitangaje umuntu w’umwicanyi arose guca amaboko cank amaguru kuko kuri w ni ibintu bisanzwe. Kuri w iyo ni indahiro isanzwe kuko harya umwicanyi nta bwenge aba akigira. Usanga yitiranije kwica amaboko n’amaguru be no kuva gusubiza umugambwe benewo. Uwuramvye arabona.
12 Mukakaro 2013, 16:55, par Ambassadeur
Bawitonda sha mukuvuga!!!!! Reka burakeye turabe ingene uzoyaca. Ko utinya ikoraniro? Ntugomba guheba amanyanga? Wamenyeye kurya ivyutabiriy’akuya.
14 Mukakaro 2013, 14:56, par Wilson ndayishimiye
Niwitonde jacques ikintu cose numwanya waco uno musi harigihe co guhunga nigihe co gutaha rwasa natahe jacques asubire kwa nduwimana edward yamuhenze ngo bibe rwasa umugambwe
16 Mukakaro 2013, 00:58, par Erast ninyibuka
Eweyakobo uragowe wemeyekuba mpemuke ndamuke,ugiyegufa wangara nka Gahini.icokuberaciza wob’uriyahura utaramaramara.GWASA OYEEE
5 Myandagaro 2013, 08:26, par nyandwe jean claude
yoooooooooooooooooo uragowe.mbe ntumaramara? Ayomadarapo ucurika ucurura urazi amamuko yato?