Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Augustin Senghor yasavye ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal rwobera i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Augustin Senghor yasavye ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal rwobera i (...)

Augustin Senghor yasavye ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal rwobera i Bujumbura

vendredi 6 Rusama 2016, par egide

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal riheruka kwandikira abatwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika, risaba ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016 rwobera i Bujumbura. Ivyo bibaye mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryaheruka kumenyesha ko urwo rukino ruzobera mu Rumonge.

Abajejwe inkino muri Sénégal basaba ko urwo rukino rwobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura, kuko arico kibuga gikwije ivyangombwa mpuzamakungu mu Burundi.

Augustin Senghor, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal avuga ko abahinga babo bagenzuye ico kibuga co mu Rumonge, bakaba basanze amabarabara ashika aho mu Rumonge ari mabi, ivyo bikazoruhisha abakinyi ba Sénégal bazova i Bujumbura baja mu Rumonge, akavuga kandi ko batazoronka amahoteri bazoshikiramwo akwije ibisabwa mu rwego rw’ukwakira abakinyi mpuzamakungu. Augustin Senghor avuga kandi ko n’umutekano wo hagati mu gihugu batawizeye.

JPEG - 196.5 ko
Augustin Senghor, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sénégal

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO yaheruka kumenyesha ko urukino ruzohuza Uburundi na Sénégal ruzoba kw’igenekerezo rya 4 Ruheshi 2016 rushobora kuzobera mu ntara ya Rumonge, kugira barabe urugero abanyagihugu bo muri iyo ntara bashigikiye umurwi nserukira gihugu w’Uburundi, INTAMBA MU RUGAMBA.


IGIHE

Messages

  • ABARUNDI SINZI UKO BAMEZE ! UBWO BARAZI AGACIRO KA BIRIYA BIHANGANGE VYA SENEGAL ? ABA PROFESSIONELS BAKINA I BURAYA KWERI NGO MU RUMONGE ? UMUPFU NTIYINUKIRA !

  • Reka gusuzugura ikibuga co mû Rumonge kko jw ndakuzi vrmt icokibuga ntaco uzi . ukuri kurakunanirara kuvuga! c’est dommage. ikindi uvuga ngo nibihangange KO birirwa barakinira kumastade yabo. stade de Niora iri muri région ya Kaolack; stade de Lambage iri muri région de Diourbel ; stade de Bakel uri muri région de Tambacounda nizindi ziriho iyo hari i mechi international bakiniramwo urazi uko ziri. iyo ukavuga ikibazo cibarabara. vrmt je suis d’ accord.nahonyene circulation irabandanya. ibindi nivyitwazo.

  • Nukuri Urwo Rukino Twosaba Ko Rwobera I Bujumbura Kukibuga Citiriwe Umuganwa Rudoviko RwAGASORE

  • Ce qui compte pour nous les amateurs burundains du ballon rond et fans de notre cher equipe nationale n’est le stade sur lequel le match sera livré. Que ce soit au stade de Rumonge ou au Stade Prince Louis Rwagasore ne signifie pas grand chose, mais ce qui compte ce sont de bons préparatifs pour ce match en invitant àtemps nos joueurs professionnels évoluant àl’étranger et disponibiliser tout ce qui est nécessaire pour qu’ils puissent venir. Ma suggestion àla FFB et au Ministère est de dépasser les conflits qui ont caractérisé le coach et les joueurs ces derniers jours afin qu’il yait une bonne sélection qui va défendre les couleurs nationales. N’oublions pas que nous n’avons pas droit àl’erreur dans ces matchs qui restent si nous voulons une qualification àla CAN. Merci.

  • Kuberiki Ubu Ariho Akivyiyumvira Natuzanire Saido Nayo Murumong Babe Barahihoza Nkubu Abakinyi Ba Senegal Borwa Mutanganyika Boba Bazize Iki Nibabadugane Basi Ingozi.

  • NIRUBEREMURUMONGE UWOMUNYASENEGAL AVUGIVYUMUTEKANO TWEBWAMAHOROTUYAGANANGAMWO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.