Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Augustine Mahiga: ’’Abasirikare mva makungu ntibashobora gutorera inyishu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Augustine Mahiga: ’’Abasirikare mva makungu ntibashobora gutorera inyishu (...)

Augustine Mahiga: ’’Abasirikare mva makungu ntibashobora gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi’’

lundi 28 Kigarama 2015

Umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu ca Tanzaniya Augustine Mahiga amenyesha ko ibiganiro vyonyene ari vyo bishobora gutorera inyishu ingorane za politike ziri mu Burundi.

Mu gihe yari yitavye ibirori vyo gutanguza ibiganiro bihuza abarundi vyabereye i Entebbe ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubuganda, umushikiranganji Augustine Mahiga yavuze ko abasirikare mva makungu badashobora gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi.

Augustine Mahiga yaragize ingendo zitandukanye aho yabonanye n’abafise uruhra bose mu matati ari mu Burundi,harimwo abatavuga rumwe na Reta,umukuru w’igihugu c’Uburundi na Yoweri Museveni umuhuza mu matati y’abarundi.

Bitegekanijwe ko ibiganiro bizobandaniriza mu gisagara ca Arusha kw’igenekerezo rya 6 Nzero 2016.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Komera mutama imburabwenge ziry’ivyatsi.uko niko kuri kuzima kandi vyatanguye ahubwo nibishigikigwe kugira birangire vuba.

  • Ukwo kwitoza utunyoni twa EAC nikwo kwatumye abantu 250.000 bahunga, abarenga ibihumbi 4000 bapfungwa bakaborezwa nigufa mbere nogupfa bashobora kuba barapfuye, abandi 500 bakaraswa amasase yo ku mutwe bikoreye amaboko. Nimba mutazi aba DD mufungura amaso inganda zaratikiye, ariko mumenye ko abazopfa bose namwe muzoba mubifisemwo uruhara

  • Imaniguhumugisha Wokumenya Gucirabantu Imanza Nka Salomo Umwami Wabisilaeli Agitunganiyimana. Tanzania Abarongozibayo Ntibaryumumwa Namurisho Yariyabwiye Kagame. Kandi Ibiringovyiwe Biheze Ntiyagoranye. Tanzanie Nibumuco Wa Frika Guherubu.

  • Nta muntu yavuze yuko abasirikare mva makungu baza gutorera umuti ikibazo c’Uburundi. Abo basirikare baza guhagarika ubwicanyi hanyuma ikibazo bagitorere umuti abantu batariko barapfa. Uyo mushikiranganji arahengamye kuko ndazi yuko abitahura. Ariko turazi yuko hari abantu bavuga hageze guhora.

  • URUMUGABO Peee!hoboneka abagabo bijunja nijambo nkawe twokogorora kandi ndavyizeye kubera nkurunziza afisab agenzi beshi kandi beza burakey abantubeshi batangare ukuri kuzotsinda

  • Dukeneye abagabo bimvuga kuri nkawe. Abifuza gusubira mumigumuko amaso azohera Mandira.

  • Ico ciyumviro niciza cane nakare ngo ahari abagabo ntihagwibara

  • leta nibandanye itsibataza amahoro n’umutekano maze ivyo biganiro vyo guta umwanya bavyihoze,kuko ivyo abanyagihugu batoye bikurwaho nandi matora si ibiganiro.

  • Uwo mugabo yitwa Augustino Mahiga yatanze inyishu itahuye n ikibazo
    kuko ntanumwe yavuze ko Abasirikare baza kutorera Inyishu Uburundi
    Abasirikare ba Union Africaine basabwe ngo batabare Abarundi bariko baricwa
    ntakindi nagitoya atari ukuja hagati bakakinga kugira haboneke umutekano
    Murico gihe Abanya politike bazoba bariko bashika ku ntumbero y ingene bubahiriza amategeko Uburundi bukashobora kushika ku mahoro arama

  • Je Ndashigikira Ko Ibiganiro Arivyo Vyambere Bihuza Abantu Babiri Canke Barenga Kumatati Yabo.Kubijany Ninteko Mva makungu Ivyo Je Sindabishigikiye Mugihe Mu barundi Harimwo Abazemera Nabazihakana Boja Mubiganiro Bihuza Bagihurijeko Ko Zoza Zikaza Canke Zikareka Vyova Kuco Bafundikiye Hamwe Bose Kuko Bavugat ;<< Burya Ntawoja Gutabara Murwuwundi Urwiwe Asize Ruriko Rurasha >>

  • Uwo Mugabo Je Ndamushigikiye Kuko Ntako Wovuga Ko Amatati Ari Hagati Y’abarundi Yotorerwa Inyishu Nabasirikare Bavuye Hanze Abarundi Ubwabo Nibo Bazico Bapfa Kuko Bavugati ;<<Ntawoja Gutabara Murwuwundi Urwiwe Asize Ruriko Rurasha >>

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.