IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ayandi mashirahamwe yahagarikiwe ububiko bw’amafaranga

Ayandi mashirahamwe yahagarikiwe ububiko bw’amafaranga

lundi 30 Munyonyo 2015, par egide

Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi yafashe ingingo y’uguhagarika ububiko bw’amafaranga y’ayandi mashirahamwe atatu. Muri iyo ngingo ya Valentin BAGORIKUNDA, hari n’abantu babiri bahagarikiwe ububiko bw’amafaranga yabo.

Mw’ikete ryarungikiwe abayobozi b’amabanki atandukanye hamwe n’amashirahamwe y’ukuziganya n’ukuguranana, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi, Valentin BAGORIKUNDA yategetse ko ububiko bw’amashirahamwe atatu bwokwugarwa. Ayo mashirahamwe ni OAG (Observatoire de l’Action Gouvernementale), ishirahamwe BIRATURABA, hamwe n’ishirahamwe AJC.
N’ububiko bw’amafaranga y’abantu babiri aribo Seconde Nyanzobe na Christian Ngendakumana bwahagaritswe, abo bompi akaba ari abakozi b’ishirahamwe Fontaine Isoko riheruka guhagarikwa.

JPEG - 36.8 ko
Valentin BAGORIKUNDA, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika y’Uburundi

Ayo mashirahamwe atatu akurikiye ayandi yaheruka guhagarikwa, hamwe n’ukwugarirwa ububiko bw’amafaranga. Ayo nayo ni :

APROHD : Association de Protection des Personnes Détenues et des Droits
de l’Homme)

FORSC : Forum pour le Renforcement de la Société civile

FOCODE : Forum pour la Conscience et le Développement

PARCEM : Parole et Action pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités

Maison SHALOM

ACAT : Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture

Fontaine ISOKO

SPPDF : Synérgie des Partenaires pour la Promotion des Droits de la Femme

AMINA : Amicale des Militaires en Non Activités

RCP : Réseau des Citoyens Probes


IGIHE

Messages

  • Mbega burundi anakungu abafatira inihano na leta igaca ibifatira amashirahamwe yigenga mbega nkurunziza mandant yivye izahera ataja munama ya ba president bayoboye igihungu vyabo niyemere anje kurima afoka canke kuyobora football na reke kwiyita president wabarundi batamukeneye

  • Bitete agahinda.ntibitangaje dusanzwe tuzi ko abatwara uburundi ubu batazi gutandukanya ukuboko kwiburyo nukubanfu. Ariko bamenye ko ibikorwa bakora biriko bicisha ubgenge abarundi.ndaziko ubu bamaze kuva mwyontwaro yagahotoro hakaba amatora yabose ntibazosubita gutora ubwoko.bazotora ubishoboye.

  • Ugara naho se abonibo bazaar baraguribigwaniho bimara abanyagihugu atacobazira be nukugura ibiyayurumutwe babaha ko bobasha gusara nagosi yazoheze yugurugwe muko basubiye kumurongo.

  • iBINTU BILI MUGIHU CYABATURANYI BA BARUNDI BITEYE AGAHINDA. IBI BYEREKANA KO RETA NTAMAFRANGA BAFITE YO GUHEMBA ABASILIKARE ABAPOLICE INTERAHAMWE NIMBONERAKURE. BAKAYASHAKIRA AHO. NYJE NDABONA ALIBIBAZO BAFITE BYAMAFRANGA.

  • Village health works yivyanda ikigutu nikorerweko nayonyene

  • MBEGA KO TWUMVA BAGUMA BUGARA AMASHIRAHAMWE HAMWE NA MA COMPTE YABO MBEGA AYO MAHERA AZOZA ARA CONTROGWA NANDE?MBE HOHO KO BAVUGA NGO UMUTEKANO NI 92% AYO MASHIRAHAMWE BAYUGARIRA IKI?YEMWE MURAGABE MUBE MASO.

  • Komesha Wajinga shilika la palcem mimi nilikuwa nalionya miaka miwili iliyo pita nikisema ukiendelea umbea mwaka huu hautaumaliza sasa yamekuwa jamani ngoja nicheke lakini kuna wengi wengine ambao wanajifichaficha piga na lungu kabisa hawo ndio wagorikunda wambiye

  • Komesha Wajinga shilika la palcem mimi nilikuwa nalionya miaka miwili iliyo pita nikisema ukiendelea umbea mwaka huu hautaumaliza sasa yamekuwa jamani ngoja nicheke lakini kuna wengi wengine ambao wanajifichaficha piga na lungu kabisa hawo ndio wagorikunda wambiye

  • Mr. Valentin BAGORIKUNDA, Ukwo ni ugushira mukaga igihugu kuko fin de fin ukuri kuzoja ahabona.Ikizokurikira n’imanza zayoma compte. reta izinjira mukuriha ninyungu hejuru. GEZAHO GEZAHO.

  • komera nyakwubahwa ahubwo mwari mwaratevye kubugarira kuko twebwe abanyagihugu bagomba kutumara abo bagesera izonkoto. baduteramwo amagerenade. izombwa. abarundi bose nukuri turagukeza kungingo ufata nyakwubahwa kizigenza. nyakwubahwa peter nkurunziza niyasaza kuko azotwara gushika ashaje. tuzoca tukwizera uturongore. irambire.

  • nanje niko nitwa ariko uyu mugabo ubwenge bwiwe yabuguze cndd fdd ese abantu bakora muri ayo mashirahamwe leta izoca ibaha akazi? barundi barundikazi namwe mukunda u burundi nabarundi mucye ubwenge ntimukomeze guhendwa ngo hari abatera u burundi bavuye hanze y igihugu abo bariko barugarikwa amashirahamwe ndetse nabakozi bayo nibo bacya bagaruka bagatera bakanatwicya nimutiyamiriza ubwo butegetsi bwakagwi ka cndd fdd turahonye nimuve ibuzimu mujye i buntu mumenye umwansi uwariwe nuwuriko aramubateza naho ubundi cnred niyo yonyine barayibeshyera NKURUNZIZA IBIGANIRO NIVYO BIZAZANA AMAHORO MU BURUNDI NAWE UKARUHUKA KURARA UBUNDABUNDA nkuko Kagame yabivuze

  • Ewe izina niryo muntu urigorikibi amaherezo yawe niyo mabi wa mwicanyi unigira abana

  • Uko biri kose biraboneka ko iyo ntwaro igira itembe bidatevye! witandukanije n’abantu bose: amakungu akakuvako, abawe nabo bakakuvako ntaho uba usigaye uba umeze nk’agati gatemba mu mazi! Iyo umuntu avumwe kenshiaraheba agatota, iyo reta iguma yikwegera imivumo gusa.

    Vyiza yovuga ko inaniwe hanyuma ababishoboye bagatwara!

  • Hari naho Leta y’Uburundi yoba yabuze ayo gukoresha bakaba bariko barigurana mu y’amashirahamwe, nukubicunga neza. Mbega n’iki gituma baguma bapfunga comptes bancaires qu’ils ne financent pas ? Jewe nogira inama amashirahamwe atarahagarikirwa ububiko gukuramwo amahera yose bafise kuko mu misi iza Leta izobupfunga kugira ibone ayo iba irakoresha. Ubwo bupfindo ntawe atabuzi.

  • Kugara ayo mashirahamwe nivyiza . bashaka kwinyegeza inyuma yayo kumbe ari abanyepolitique . babaha ifashanyo zo gukokeza ingwano .

  • Leta y’uburundi ubukene bwamafaranga buyimereye nabi kabisa, kugeza aho ifata amafaranga y’amashirahamwe yigenga, nayo abantu ku giti cabo?!!! Nogira inama ababantu babitse amafaranga menshi muma banques y’i Burundi kuyakurayo bakayahungisha bigikunda kuko ubutaha nibo bazoba baramukiwe.

  • Bari baratevy.Emwe ntagitangaje kirimwo.Gusa bugara cank bareka objectif ni objectif.article7:le scout ne fait rien á moitié.Abavyunva soyons unis.Tout est possible la limite est le ciel.

  • Ubu unye bagiye kuvuga ibi nabyo byatewe n’uRwanda?

  • Aya mashyirahamwe niyo yahora agurira ibigwanisho ba Sindumuja. Kandi ntaho ataniye na Ibukayo mu Rwanda. Intego yabo ni ukwica abahutu aho baherereye hose.

  • Ba sokuru bagize bati:"umugabo ni uwurya utwiwe n’utw’abandi".mbe mu gushika kuri "vision 20-25" barinda gukoresha amatungo y’abenegihugu?

  • Ivyo kugara amashiramwe ndavyita gutimitwe, i yu mugabo ya buze icakora amera nkuwacanganikiwe mumutwe. ni babure kwiyumvira ivyomari ngorane zihanze igihugu,ngo bugaye amashiramwe niho bazobabazihejeje? biracabagoye nejo nahiryayejo bizokwama vya bagoye.uwundi niwe yise umwana birame ntangare!

  • Inzara igiye kubakoresha ibitigeze bibaho. none ayo yo niyahera muzorya iki? muzoca mutangura kurya abantu aka ni agahomeramunwa

  • None Ko Izo Comptes Zayo Mashirahamwe Atatu Harimwo Na AJC Zamaze Kugarwa Ico Nokwita (compte Bloque). Zizoteba Zugururwa Canke Nayo Mashirahamwe Azoteba Yugagwa?Bavuga Bati:" Umuswa Urya Umuhini Usotera Isuka."j’aimerais Savoir Beaucoup Pour Ne Pas Perdre Du Temps.Merci.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.