Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Azobica bicike mu biteramo azogirisha mu gihugu ca Afrika y’epfo
Azobica bicike mu biteramo azogirisha mu gihugu ca Afrika y’epfo
vendredi 14 Ruhuhuma 2014
Umuririmvyi Sat-b agiye kuzokwitaba ibiteramo bizobera mu gihugu ca Afrika y’epfo mu mpera za kuno , ico gihe nyene amasanamu «Vidéo» ya zimwe mu indirimbo ziwe azoca akorwa n’umuhinga karuhariwe mu guhinyanyura amasanamu wo muri ico gihugu.
Kw’igenekerezo rya 29 Ruhuhuma, azofata indege izomugeza mu gihugu ca Afrika y’epfo mu gisagara ca Johannesburg, azoba yitavye ubutumire bw’umuhinyanyuzi karuhariwe mu masanamu «Vidéo»wo muri ico gihugu.
Bizimana Aboubacar Karim azwi cane kwizina rya Sat-B ari murwi wa Wanavesi Kikosi uri muri Kany Empire canke «Empire de Kanyosha», yatumiwe kugirisha ibiteramo 3 mu bisagara 3 bitandukanye vyo muri Afrika y’epfo. Sat-B azobica bicike mu bisagara vya Cap Town, Johannesburg, no mu gisagara ca Durban. Muri uryo rugendo nyene, indirimbo ziwe 3 zizokorerwa amasanamu n’umuhinga Abdoul karuhariwe mu tosora amasanamu, muri izo harimwo ururirimbo rwakunzwe cane Nyanzobe n’urundi rushasha rutaranasohoka yise Maisha.
Urwo ruririmbo Maisha rugiye kuja ahabona vuba Sat-b yayiririmbiye abahuye n’isegenya ryahitanye abantu ku munsi w’Imana uheze.
Tubibutseko kuri uyu munsi mukuru w’abakundana St Valentin Sat-b aza kugirisha igiteramo mu butambiro Archipel kuva igihe c’isaha 18h00 gushika 23h00. Aho azakuba ari kumwe na Big Fizzo.
Chérif Nkeshimana
Messages
14 Ruhuhuma 2014, 13:40, par schaaaaaa
niyirambire kwer arashaboy nicogitum yoter imber