Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Azobica bicike mu giteramo "Sat B in Nyanzobe". - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Azobica bicike mu giteramo "Sat B in Nyanzobe".

Azobica bicike mu giteramo "Sat B in Nyanzobe".

mardi 12 Munyonyo 2013

Abakunzi, incuti n’abandi isinzi bamukunda bashobora kuba bahora bibaza iyo yagiye, igituma ataboneka cane mu biteramo mu Burundi. Humura muramubona vuba.

Sat-b, umuririmvyi rurangiranwa mu Burundi no mu karere ka Afrika y’ubuseruko, aho yari amaze igihe adateramisha abakunzi biwe ku mvo z’uwumufashe mu mugongo Dj Jackson yari yaramufatiriye. Ubu amenyesha ko yagarutse. Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Munyonyo 2013, Sat B yarabateguriye igiteramo mwari mukumbuye kuronka.

Azobica bicike muri “Sat B in Nyanzobe”. Igihe c’isaha icenda15h 00 kw’isaha yo mu Burundi, niho ico giteramo kizotangurira. Kw’Itaba kwa Vyisi mu Kanyosha canke “Kany Empire” nk’uko wenyene akunze kwita ako karere abamwo, niho mugiye kuzoryoheranwa nawe kuri uwo munsi.

Kwinjira ni amafaranga y’amarundi 2000 mu bibanza bisanzwe n’ibihumbi bitatu (3000) mu bibanza vy’iteka. Si ivyo gusa, hazogurishwa imipira yanditseko Sat-B ku mafaranga ibihumbi 15000 ku bakunzi ba Sat-B.
Ico giteramo yacise "Sat B in Nyanzobe" kubera ururirimbo rwiwe "Nyanzobe" rwakunzwe cane kandi nawe nyene akarukunda. Amasanamu yayo ariko akorwa na "Abdoul keshy", umuhinyanyuzi w’umurundi aba mu gihugu ca Afrika yepfo.

Sat B ntazotamba yirorera : Lolilo n’umukunzi wiwe Loliane, Sam Over mix, Umurwi wa Top Dance wakoranye nawe mw’ihiganwa rya Primusic, umurwi w’aba Best Life Music, Lion Girl na Wanaves Kikosi tutibagiye Dj Jap na Jackson, umuhinyanyuzi amaze kumenyekana mu makungu ari nawe akurikirana ibikorwa vy’uyu muririmvyi Sat B (Manager) .

Ico giteramo kije gikuirikiye ico yaheruka kugirira i Kamaramagambo mu ntara ya Muyinga, kizobandanya no mu zindi ntara. Mu ndwi ikwirikira azoba ari mu Ntara ya Bubanza, hanyuma mu Cibitoke, Gitega n’ahandi. Ivyo biri mw’ihangiro ryo gukoresha ibiteramo birangiza umwaka yise "BukivLab National Towers".

Mukurangiza amenyesha ko mu ntango z’umwaka w’2014 azosohora amasanamu y’urukurikirane "Reka Mbege ku bagari".


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.