Accueil > Amakuru > Poritike > Ba musitanteri barongoye amakomine atatu y’igisagara ca Bujumbura (...)
Ba musitanteri barongoye amakomine atatu y’igisagara ca Bujumbura bamenyekanye
dimanche 19 Mukakaro 2015
Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 19 Mukakaro 2015,bashasha bagiye kurongora amakomine atatu agize igisagara ca Bujumbura bamenyekanye.
Komine ya Muha iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura irongowe na muganga Jean Bosco Girukwishaka,umukuru w’inama mpanuzwajambo ni Saidi Juma arongoye igisagara ca Bujumbura,icegera ciwe ni umupfasoni Fifille Nkurunziza.Bose batowe ku majwi 12 kuri 12 y’abari bitavye,batanu bari basivye kuko iyo nama yategerezwa kwitabwa n’abajenama ba komine 17.
Muri komine ya Mukaza hatoye abajenama ba komine 10 kuri 15 bategerezwa kwitaba ico gikorwa.Musitanteri yatowe ni umukenyezi Ndayisaba Marie Suzanne,umukuru w’inama mpanuzwajambo ni Martin Mbazumutima,mu gihe icegera ciwe ari Bikorimana Norbert.
Komine Ntahangwa iri mu buraruko bw’igisagara igye kurongorwa na Remy Barampama,umkuru w’inama mpanuzwajambo ni Eddy Paul Hakizimana,icegera ciwe ni Alvere Niyongere.Musitanteri n’umukuru w’inama mpanuzwajambo batowe ku majwi 10 kw’10,mu gihe icegera c’umukuru w’inama mpanuzwajambo yatowe ku majwi 8 kw’10.
Van Naris Mugisha
Messages
19 Mukakaro 2015, 17:05, par Ndayiserges
Abo sibo, nukuri ntituzovyemera ntamatora yabay habay ubusuma gusa
19 Mukakaro 2015, 17:49, par Avec
Ndabakeje kandi ndabifurije kuroranirwa kandintakibuza turabashigikiye.
19 Mukakaro 2015, 18:32, par innocent
wew wiyise ndayis CNDD izobatwara murira kuko birabonekako abarwanya leta bose ni bantahomfatwa ntakintu
nakimwe mwemera
kivuye muri leta
19 Mukakaro 2015, 19:00, par Nduwayezu
Turashinwe,abobategetsi,batowe,ngobarongore,igisagara,cabujumbura,tubasaba,kwama,bitwararika,ababatoye,ngobababere,,imbere,ntibaze,baharanire,inyugu,zabo,gusa,,
19 Mukakaro 2015, 21:43, par maceri kassoly
yoooooo ahorer icinyo bararits ngobagiy gutegek naho shwiii muzotangara shaa!? rindir gato niyombar azoberek yuk aticay !!!?!!!
20 Mukakaro 2015, 00:06, par None?
Turavyishimiye cane.
20 Mukakaro 2015, 03:04, par COTOMO
Abatarajijuka,mwigarure mwemere i NKURUNZIZA!!!
20 Mukakaro 2015, 10:48, par nkurunziza
So akwanka akuraga ivyamunaniye. Mbabajwe nuwo mugore atahaga ivyo yakuye hahandi yaransangiye. Nahhhhhe ntivyaribikwiye amongereza tunga nimazituvya.
20 Mukakaro 2015, 11:26, par NDABABONYE
JEWE NSABA IMANA NDAMBE NZORABE IVYABO MURI OPOSITION KUKO ABA DD MUBARETSE BAGAPANGA RETA NTIMUZOBA MUKIBASHOBOYE.NIMUGERAGEZE NDABE
20 Mukakaro 2015, 12:52, par emma
emma
komera banyakubahwa turabashigikiye muze muteze imbere igihugu cacu catwibarutre. Abashaka kwisamburirako nkimpene nabo mubihoze mukomeze ibikogwa vyuburundi bwacu.
20 Mukakaro 2015, 14:16, par Page
BATORE NATWE I TANGARA TWAMURONSE NI MARGUERITE KAND ABAYE UMUGORE WA MBERE ATWAYE COMMUNE TANGARA KAND TURABASHIGIKIYE 100%
20 Mukakaro 2015, 20:30, par SOUPLE DIEUDONNE
JEWE KOMINE YACU YA GISURU NUMVA NGO YARAHINDUYE UYIRONGORA.NIHOMBA MUGABO NTAWE NZI!NONE NYENE YATOWE KUMUGARAGARO NKABO BENE DATA B’IBUJUMBURA TWUMVISE?
21 Mukakaro 2015, 23:36, par piter nikinyanwanira
amatora azoba neza, kandi azojamwo Bose, reka tuyarindire twihanganye. nano about bategetsi bashasha nimubatware muri Cndd,abacu tuzitorera tuzobarindira bari hafi. ivyovyo ninkinamico, reka kubasuka, ndabatwenz. ahorero bararits izosi NGO nabatwarw