Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ba ntaho nikora 285 nibo bafashijwe mu gisata c’ubutungane
Ba ntaho nikora 285 nibo bafashijwe mu gisata c’ubutungane
mardi 20 Nzero 2015
Abantu amajana abiri na mirongo umunani na batanu nibo bafashijwe na Reta mu vyerekeye ubutungane muri uno mwaka w’2014, bikaba vyahsikirijwe n’umushikiranganji wo gufatana mu nda n’agateka ka zina muntu Godelieve Nininahazwe.
Ba ntahonikora amajana abiri na miringo umunani na batanu nibo bafashijwe mu guhabwa abashingwamanza . Mirongo itanu n’umunani muri bo n’abimwe uburenganzira bwabo, abo nabo bakaba bararonse akaryo ko kwumvirizwa, bongera baraburanirwa n’umushingwamanza hamwe n’amasentare yo mu gihugu.
Mu burundi bakaba barashizeho umugambi w’igihugu kugira ujejwe gushigikira umunyagihugu wese aba arenganijwe kugira ashobore gufashwa kuburana. Eka na wa murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu nawo nyene uratuma abarenganijwe bashobora gufashwa.
Floxella Karire
Messages
20 Nzero 2015, 23:10, par Nwari
Izo nizambonerakure zanyu