Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bachar Al-Assad yarungikiye ubutumwa Papa Fransisco - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bachar Al-Assad yarungikiye ubutumwa Papa Fransisco

Bachar Al-Assad yarungikiye ubutumwa Papa Fransisco

dimanche 29 Kigarama 2013

Umukuru w’igihugu ca Siriya yarungikiye ubutumwa nyenubweranda Papa Fransisco. Aho muri ubwo butumwa Assad akaba yerekana aho Reta ya Siriya ihagaze mu ngorane ziri muri ico gihugu.

JPEG - 17.3 ko
Bachar Al-Assad, umukuru w’igihugu ca Siriya

Muri iryo baruwa Bachar Al-Assad yandikiye Papa Fransisco, arashimira uwo arongoye Eklereziya Katorika ku ruhande ahagazemwo kubijanye na Siriya. Al-Assad akamenyesha Papa Fransisco ko umuti w’indyane ziri muri Siriya uzova mu biganiro vyabanyesiriya ubwabo nyene ata muntu wo hanze aje kubinjiriramwo kuko ngo abanyesiriya nibo nyene kazoza kabo kandi nibo babwirizwa gufata intumbero bofata.

Iryo kete rya Al-Assad akaba yarirungikanye umurwi w’igihugu ca Siriya wakiriwe i Vatikano kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Kigarama 2013. Iryo kete ryatanzwe n’umushikiranganji wa Leta ya Siriya, Joseph Soueid, arishikiriza Musenyeri Pietro Parolin. Nkuko biri mw’itangazo ryasohowe na Vatikano, umukuru w’igihugu ca Siriya arashikiriza imigambi yiwe ngenderwako hamwe n’ishaka ryiwe ryo kuja mu biganiro vy’amahoro vyo muri Siriya bitegekanijwe gutangura mu gihugu ca Suisse kw’igenekerezo rya 22 Nzero.

Bachar Al-Assad, umukuru w’igihugu ca Siriya, akaba ashimikira kuburenganzira bwa Reta ya Siriya bwo gukingira abanyangihugu bose bo muri Siriya hatarabwe amadini bakukira, bakabakingira intagondwa zaba sunnites batera amazu yabo canke mu bibanza vy’amasengesho. Muri iryo keta, Al-Assad akaba atasize inyuma gutera ivyatsi ukuntu abihugu bibanyi vya Siriya bikamira mucoze abarwanya Reta mu kubaha ibikoresho vya gisirikare.


INGABIRE Luc-Noël

Messages

  • Uyu mu presendent jewe nda mwemeye pe kuba avuze ko bakwicara bakaganira bataravye idini kandi akaba yabibwiye papa ubwo nizere ko papa nawe azabisabira bi kanja muburyo.mana nshira mwinguvu isi ibone amahoro murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.