Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bagiye kwambara impuzu z’ikigandaro gushika Reta yishuye ikibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bagiye kwambara impuzu z’ikigandaro gushika Reta yishuye ikibazo (...)

Bagiye kwambara impuzu z’ikigandaro gushika Reta yishuye ikibazo cabo

mardi 14 Nzero 2014

Ubusumbasumbane bw’imishihara ni kimwe muvyagaragaye mu ntambanyi ishobora kugabanya amahoro mu gihugu no kutumvikana hagati ya Reta n’abakozi bayo.

Mu kiganiro bahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri wa 14 Nzero 2014, ama syndika y’abigisha CONAPES, SLEB, STEB na SYNAPEP yerekanye aho ahagaze kuvyerekeye inyifato ya Reta y’Uburundi yo kwanka kugabanya ubusumbasumbane bw’imishahara.
Ayo masendika uko ari ane amenyesha ko ababajwe cane ko kubona Reta isa niyitarajwe inshinga n’ikibazo cabo, na cane cane ko no mu mwaka w’2013 yarangije ibiganiro hagati y’abayiserukira n’amasendika. Ikibazo cari citezwe ko cirwa kikaba kitizwe.

JPEG - 27 ko
Euralie Nibizi, arongoye Sendika STEB

Ayo masendika agira ati : "Twari twiteze ko amafaranga bijanye aja mw’itegeko ry’amahera Reta izokoresha mu mwaka w’2014 ariko ntavyabaye. Ikibabaje n’uko kuva itariki 24 Rusama 2013 hasinywe icegeranyo cumvikanyweko n’abaserukira Reta hamwe n’abamasendika gushika ubu, ntagacakira, ntabiganiro, nta cizere na kimwe c’uko Reta igabanya ubusumbasumbane bw’imishahara. Nta n’umugambi wo kwiga ico cegeranyo mu nama nshikiranganji".

Eulalie Nibizi arongoye sendika STEB avuga ko inyuma y’aho amasyndika CONAPES, SLEB na SYNAPEP na STEB aboneye ko Reta y’Uburundi yakoresheje uguhendahenda, ukwirinda kwiga icegeranyo cumvikanyweko mu nama nshikiranganji, ihunga ibiganiro, n’ibindi, ayo masendika y’abagisha yashimye gufatira ingingo hamwe yo kugabisha kandi Reta y’Uburundi. Zimwe mu ngingo zafashwe akaba ari : guhagarika akazi iminsi itatu ku kwezi ku kwezi (gushika Reta yemeye gushira mu ngiro ivyavuye mu biganiro), kwambara impuzu zirabura zerekana umubabaro muri iyo minsi, kwambara impuzu zirabura iminsi yose ku genekerezo rya 24 kugira bibuke itariki rya 24 Rusama, aho bashizeko igikumu kuvyo Reta itemera.
Izindi ngingo nazo zerekeye ivy’inyigisho (Mesures Pédagogiques) zikazoza zirashikirizwa uko hageze hakurikijwe amategeko y’akazi.

Ayo masendika agasaba Reta y’Uburundi ko yokwiga ico cegeranyo mu nama nshikiranganji vuba na vuba, bagatanguza ibiganiro bijanye n’ishigwa mu ngiro ry’ico cegeranyo. Basaba kandi Reta kureka guhunga gukora ivyo yashizeko igikumu, hamwe n’ukwubahiriza imigenzo y’ibiganiro mu gushira mu ngiro ivyo yiyemeje.

Mwomenya ko ayo masendika yasavye abigisha kugira urunani, intambara yo kwiyamiriza ubusumbasumbane bw’imishahara bakayigira iyabo.


Mariella Bukuru

Messages

  • Himbagake basha ngomwambare impuzu zikigandaro! Mwehosivyomuronka nuburyo bwokwikora imishatsi mbegantimujamugihugu ngomurabe ukuntu abataribake ukuntu imishatsi yizinze? ariko bakaguma babaronderera ukuntumwoguma muroswa nutwoduke mudashima ahorero mushaka reta yinjire mubenegihugu ikazumurego kubanyarucari kugiribabarose ivyomushaka!? basha nayirabishoboye! Ariko iryojambo ngo kwambara impuzu zikigandaro? None bamwimishatsi yizinze bacabambariki?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.