Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bakoranye indirimbo mu ntumbero yo gusubiza hamwe no guhuza abakunzi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Bakoranye indirimbo mu ntumbero yo gusubiza hamwe no guhuza abakunzi (...)

Bakoranye indirimbo mu ntumbero yo gusubiza hamwe no guhuza abakunzi babo

vendredi 1er Myandagaro 2014

Inyuma yo kwishurana amajambo atari meza biciye mu ndirimbo hagati ya Sat b na Fariouz, hanyuma Sat b agasaba imbabazi, abo baririmvyi bagiye hamwe bakora ururirimbo. Bashaka kugarukana icuka ciza hagati yabo no mu bakunzi babo.

Ururirimbo bise "Lafifa" rwahurijweko na Fariouz na Sat b, ruriko rukorwa n’umuhinyanyuzi Dr Jack. Uwo muhinyanyuzi niwe yakoze indirimbo " What’s my name" ya Fariouz na " Simba hawanameno" ya Sat b. Izo ndirimbo zibiri zabaye intandaro y’icuka kibi hagati y’abo baririmvyi babiri.

Sat b avuga ko bagiye hamwe na Fizzo biyumvira ikintu cohindura uko abakunzi babo bababona, baca bahitamwo gukorana indirimbo yobahuza, igahuza n’abakunzi babo. Yongera kandi avuga ko ari mu ntumbero yo kwerekana ubumwe buri hagati y’abaririmvyi b’Abarundi.

Indirimbo "Latifa" izoririmbwa umunsi abo baririmvyi (Satb na Fizzo) bazoheza igikorwa barimwo co guserukira ishirahamwe Brarudi mw’ihiganwa rya Primusic. Hazoba ari kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2014.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.