Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bakou : Inama ihuza abatowe n’abanyagihugu buca itangura
Bakou : Inama ihuza abatowe n’abanyagihugu buca itangura
mercredi 22 Rusama 2013
Umukuru w’inama nkenguzamateka nyakubahwa Gaburiyeri Ntisezerana, ari mu rugendo kuva ejo kw’igenekerezo rya 21 Rusama 2013 i Bakou ku murwa mukuru wa Azerbaïdjan, mu nama igira icumi ihuza inama nshingamateka na nkenguzamateka zo kw’isi.
Muri iyo nama rero igira icumi ku bijanye n’ibanki y’isi yose hamwe n’ikigega mpuzamakungu FMI izotangura ejo kuwa 23 gushika kuwa 24 Rusama 2013, bazorabira hamwe uko bokomeza gufashanya hagati y’ibihugu bisanzwe ari abanywanyi b’ibanki y’isi hamwe n’ikigega mpuzamakungu FMI.
Umukuru w’inama nkenguzamateka rero akazobandaniriza urugendo rwiwe i Manama, umurwa mukuru w’igihugu ca Bahrein, aho azokwitaba inama zigira indwi na munani z’ishirahamwe ry’inama nkenguzamateka hamwe n’inama mpanuzi y’urwo rwego muri Afrika ndetse no kw’isi yose.
Aristide Nizigire