Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Balotteri yoba yamukubise kubera yashatse kumufata isanamu ari mu nzu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Balotteri yoba yamukubise kubera yashatse kumufata isanamu ari mu nzu (...)

Balotteri yoba yamukubise kubera yashatse kumufata isanamu ari mu nzu y’Ubutambiro

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Umukinyi wo mu gihugu c’Ubutaliyano Mario Balotteli ariko akwirikiranwa n’inyamiramabi zo muri ico gihugu, yagirizwa ko yakubise uwufata amasanamu, amuhora ko yagumye amushishitira ngo amufate amasanamu aho Balloteri yari mu nzu y’ubutambiro.

JPEG - 19.1 ko
Mario Balotteri n’umukunzi wiwe Fanny Neguescha

Mario Balotteri umukinyi wa AC MILAN mu gihugu c’ubutaliyano yasivye ku munsi wa gatandatu urukino yarafise n’umurwi wa Sampdoria Genes, urukino rumwe mu nkino z’amahiganwa y’umupira w’amaguru mu butaliyano "Championnat d’Italie". Urwo rukino yarusivye ku mvo y’uko afise igikomere ku kuguru.

Naho atitavye urwo rukino yoba yagorobeje mu butambiro buri mu buraruko bw’ubutaliyano ahitwa i Ligure, aho yari yasohokanye n’umukunzi wiwe ariko araresha Fanny Neguescha. Nk’uko ikinyamakuru co mu Butaliyano Ansa kibivuga, uwo mukinyi yoba yarakubise uwufata amasanamu "Photographe" amuhora ko yamushishitiye kugira amufate amasanamu ari kumwe n’uwo mukunzi wiwe bari muri iyo nzu y’ubutambiro "boite de nuit.

Naho ico kinyamakuru kivugako gifise ivyabona, Balotteli wewe yamirira kure ivyo bamwagiriza. Avugako igihe uwo afata amasanamu wakubitwa agashaya ko wewe yari yabigiye kure.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • NIBABE BAREKA KUZA BARIVANGA MURUKUNDO RWABIKUNDANIYE,YAMUFATA AMAFOTO KUBERIKI???>.UWO N,UWUSHAKA KUMWICIRA MWUKO KURESHANYA KUWO MUKINYI N,UWO MWIGEME.AHUBWO NIBIBERE ICIGWA NAKARORERO ABAKOBWA NA BAHUNGU BAHA IBURUNDI BAHORA BINJIRIRA ABANDI MURUKUNDO GWABO.BAGOMBA KUBANKANISHA NGO BAHEBANE.

  • Barotelie bamuhora ubusa.Niyibereho numukunzi wiwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.