Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Bamako : Abari bagizwe imbohe bose babohojwe
Bamako : Abari bagizwe imbohe bose babohojwe
samedi 21 Munyonyo 2015, par
Abasirikare karuhariwe b’igihugu ca Mali babohoje abari bagizwe ingwati n’abarwanyi ba Al-Qaeda, inyuma y’ibitero abo bihevyi bakoze kw’ihoteri Radisson Blu Hotel iri mu gisagara ca Bamako.
Inyuma y’intureka zikomeye n’urwamo rw’amasasu menshi vyumvikanye kuri uyu wa gatanu, nta muntu n’umwe mu bari bagizwe ingwati atararekurwa.
Abantu baharurwa muri 27 nibo baguye muri ivyo bitero.
Kuva aho amenyeye ivy’ico gitero, umukuru w’igihugu ca mali Ibrahim Boubacar Keita yaciye asiba mu nama y’ibihugu vy’akarere yagira ajemwo mu gihugu ca Tchad.
Ihoteri Radisson Blu yatewe irimwo abantu 170, harimwo Abafaransa 12, Abanyaturkiya 3 hamwe n’ingezi nyinshi zabohowerewe hamwe n’abandi.
IGIHE
Messages
21 Munyonyo 2015, 18:56, par ELISA NIYONKURU
AMAFOTO YABO BAKUYE MUGASHO
21 Munyonyo 2015, 20:06, par Ntanguvu
Bakoze
21 Munyonyo 2015, 22:33, par Ernest r ruyigi
reka dutere intege abo bariko babohoza bagenzi babo tuvuga ati"courage".
22 Munyonyo 2015, 05:18, par Worlde
Oh! mubambwirire abo basoda ba mali ko hari abandi bantu barenga imiriyoni 10 bagizwe imbohe ahantu hitwa Burundi. Hari ivyihevyi vya satani binuka vyababoheye hamwe kuva mukwa gatanu. Abatari bake bamaze kwakwa ubuzima n’iyi mizimu. Ubwo rero mubambwirire ko akazi kabo katarahera.
25 Munyonyo 2015, 13:06, par kinyogoto
God help us and u,too!