Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Bamara amezi 6 banywa amaraso n’amata kugira bavyibuhe
Bamara amezi 6 banywa amaraso n’amata kugira bavyibuhe
mardi 5 Munyonyo 2013
Mu gihugu ca Etiyopiya hari ubwoko bw’abantu bita aba BODI abo nabo barakunda cane umugabo avyibushe ku buryo abasore bo ngaho bamara amezi atandatu banywa amaraso n’amata kugira bavyibuhe.
Amaraso n’amata vyoba bifasha abantu kuba banini kandi umugabo atowe ko ari we munini aba akunzwe cane n’umwigeme wese kandi akama avyubahirwa ibihe vyose. Inkuru yavuye ku kinyamakuru co mu gihugu c’ubwongereza "Daily Mail" yerekanye ko muri ubwo bwoko bw’aba Bodi bakunda cane umugabo avyibushe bakaba banabikorera ihiganwa, ariko bisaba kwihangana kudasanzwe kuko umusore afungura ibidasanzwe kugira atahukane agashimwe ko kwitwa umusore avyibushe muri ubwo bwoko.
Abasore baba bashaka kurushanwa bamara amezi atandatu bafunzwe barya imfungurwa nyinshi cane kandi banywa amata n’amaraso, bakazovayo aho hantu baba bugaraniwe ku munsi bita « ka’el » batangurirako umwaka mushasha, bagahiganwa uwemejwe nk’uwatabuye ibabi mu kuvyibuha akaba ariwe atsinze, akaba abaye intwari ubuzima bwose kandi abakobwa bose baramukunda cane bakanipfuza kuzorongorwa n’umuntu nk’uwo.
Uko ihiganwa rigenda rero buri muryango utora umusore babona ko bazogaburira akavamwo umugabo avyibushe cane. Ivyo bimaze kuba bamushira mu nzu yiwe ari wenyene adasohokamwo aho abagore bamusanga bamugemuriye indya nyinshi cane, harimwo amaraso n’amata. Ikindi naco kugira uje muri iryo higanwa nuko uba utarashinga urwawe. Inyuma y’amezi atandatu rero haba urugendo (defilé), aho buri muryango ukerekana umusore wabo hama abakuru bo muri ubwoko bwaba Bodi bakerekana umusore aba yatsinze iryo higanwa. Uwatowe rero aca yirukirwa n’abigeme atari bake abo bakobwa bakumva bagize ubukwe n’uwo musore boba bagize amahirwe adasanzwe.
Floxella Karire
Messages
5 Munyonyo 2013, 06:02, par munta
Hababagabo. babasha kurongora abagore babo??. abanye Ethiopia mwaragowe. ngewe sinabana numugabo ungana gutya!
5 Munyonyo 2013, 09:57, par CLAY
EMWE,AHO UBONA AKABI KARATWENGWA NK’AKEZA. IVYO BIGABO VY’IMIDA UMENGO NI NYABWIJUTI,KANDI ATA N’ISONI BIFISE VYAMBAYE UBUSA !!
HARAHO MWABONYE UMUNTU ANYWA AMARASO ?
EMWE,UBURUNDI TURACARI ABAMBERE MU VYEREKEYE IMICO KAMA HAMWE N’IMIGENZO NDANGAKARANGA.
TUZE DUKOMEZE AKARANGA KACU,HANYUMA UWANKA UBURUNDI AZE ABWANDUREKO.