IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamenyesha ko bazohora mu gihe akarenganyo kazoba karanduranywe (...)

Bamenyesha ko bazohora mu gihe akarenganyo kazoba karanduranywe n’imizi

lundi 19 Rusama 2014

Inyuma y’aho Petero Karaveri Mbonimpa afatiwe agapfungwa, abari mu runani rw’amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike FORSC basaba ko yorekurwa, ndetse ivyo bigashobora gutera iteka Uburundi.

Mu kiganiro abahurikiye mu Runani FORSC (Forum pour le Renforcement de la Societe Civile) bahaye abanditsi n’abanyamakuru kuri uyu wa 19 Rusama uyu mwaka, basavye ko, uyo mushingantahe w’imyaka 66 y’amavuko, azwi cane mu Burundi ndetse no mu makungu ko aharanira agateka ka zina muntu n’akabapfungwa yorekurwa, akabandanya amabanga yiwe yo gutsimbataza agateka kazina muntu mu gihugu, akareka kwagirizwa guhungabanya umutekano mu gihugu n’inyuma y’igihugu, aho ndetse bivugwa ko yakoresheje n’ibihuha mu masanamu yerekanye.

Ipfungwa rya Petero Karaveri Mbonimpa rero, rikaba ryaje, inyuma y’aho ndetse umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asavye ko abakwiragiza ibihuha bofatwa, ndetse bakaza baracibwa imanza z’ikibiriraho, kandi hagatorwa n’itegeko rihana abo bakwiragiza ibihuha. Abari mu mashirahamwe adaharanira ivy’icaro vya poritike bakaba bamenyesheje ko, iryo tegeko ryasabwe n’umukuru w’igihugu ko ryogorana gukurikizwa, mu gihe n’abarundi bayamaze ko urukurukuru ariyo nkuru, eka ndetse n’abasanzwe bakorera urwego rw’igendereza bakora bivanye n’amakuru baba baronse, muri ayo harabamwo urukurukuru hamwe n’inkuru. Ikindi, akaba ari aho urukurukuru rwakijije abantu, mu bihe vy’intambara Uburundi buhitiyemwo.

Ku bwa Faustin Ndikumana arongoye PARCEM, asaba abahanuzi b’umukuru w’igihugu kuhagabira, kuko hamwe iryo tegeko ryotorwa, ryohuhura n’akahuha, ndetse rikaba ryotera umudugararo mu gihugu. No muri FOCODE bakaba babibona ukwo.

Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE, atanga akarorero ko mu mwaka w’2006, aho umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yivugiye ari i Muyinga, ko hari abashaka gutembagaza ubutegetsi bwiwe, kandi ko n’amajwi y’abo ariho, ayafise. Inyuma y’aho gato, abanyeporitike batandukanye harimwo Domisiyano Ndayizeye, Alphonse Marie Kadege n’abandi, bakaba barafashwe, barapfungwa, barakubagurwa, mu nyuma barasohoka atacaha cabagiriye.

Asigura ko, hamwe umukuru w’igihugu yoba yabivuze kugira akize igihugu ko atacaha yakoze, ariko ko hamwe yoba yabivuze bifise iy’indi ntumbero, ko ari icaha, ari naco gituma na Petero Karaveri Mbonimpa yorekurwa kuko ivyo yashikirije, yabivuze mu ntumbero yo guha umuco igiporisi n’ubutungane, kugira abagirizwa akabi ko kujana urwaruka muri Kongo babazwe ndetse babihanirwe, co kimwe n’abavuzwe ko bahaye ibirwanisho urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD.

Mukamenya ko abari muri ayo mashirahamwe adaharanira ivy’icaro FORSC barahira bakarengwa ko, batagiye guhora Kubera iterabwoba, ko ndetse banabimenyereye, kuko muri bo hari n’abamaze gukatirwa iminyororo hamwe n’imanza kandi atacaha bakoze. Bakamenyesha ko bazohora mu gihe atamuntu azoba acicirwa ubusa, canko ngo apfungirwe ubusa, eka ndetse n’igihe hashitse abanyonora amatungo ya Reta bagaheba, nk’uko vyavuzwe n’uwurongoye FORSC, Vital Nshimirimana.


Aristide Nizigire

Messages

  • pacific ntazi ivyo avuga, ejo muri woterera iki yavuze ngo claver irya foto yayirungikiwe numuntu. ariko claver wenyene muri kabizi yavuze ko ayo masanamu yayafashe nikaramu, ngwafise amakaramu afotora none wumva pacific atari umuhura mutwe hihihiiii mutacekwa. UWUZOWUCANA BAZOWUMUZIMIRIZAKO.

  • AHUBWO NAMWE NIBABAFATE BABABOHERE UTUBIDO TWAMAZI KUMAVYA.HAMA BAZOCE BABAJANA MUMUSANGEYO AYO MAREMENTANYA YANYU MUBE MURAYAKORERAYO MU BUROKO.IMIHIMBIRI YABAHIMA ATAKINDI KIBARAJISHINGA ATARI GUSAMBURA IGIHUGU?

  • MBE MU BA DD MWACURITSWE NA NDE KUKI MUTAZI KUGIRA INKURU IRI EQUILIBRE...

  • Mbese ababantu bavugako Pierre Claver yavuzukuri ntimubona kwaribo bafashanyije gutegura riryarementanya? None nukuberiki mutabatumako vubanabwangu mukabakorako amatohoza kombona imvugozabo zerekanako harimwo abakwiye gutwarwa ahari Claver Mbonimpa? muremeye Mbonimpa agumeyowenyene kandi abobafashanyije gutegura riryarementanya biyerekanye? Jewe narinaribajije ko Mbonimpa atariwe yifashije riryarementanya nonendabonye kontihenze, mubafate canke mureke ariko 90% ndemeza ko Claver ivyoyakora abobaribabizi canke babimufashamwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.