Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamenyesha ko bubaka iruhande y’uruzi kukubura ibibanza ahantu hameze (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Bamenyesha ko bubaka iruhande y’uruzi kukubura ibibanza ahantu hameze (...)

Bamenyesha ko bubaka iruhande y’uruzi kukubura ibibanza ahantu hameze neza

vendredi 3 Nzero 2014

Abanyagihugu bubaka amazu ahariho hose bivanye n’ubukene bw’isi iguma yaga mu gihe abantu bo baguma barwira, biri mu bituma abubaka ku nkengera z’inzuzi nabo nyene bahura n’ingorane, mu gihe amazu yabo ahura n’ingorane zitandukanye.

Amazu ari iruhande y’uruzi rwa Ntahangwa, arakundwa guhitanwa n’iyo ngorane co kimwe n’abandi bubaka amazu y’ubudandaji. Abubaka ayo mazu rero, bigasa naho batinyira amazu yabo gusumba ukwo botinyira amagara yabo. Ivyo cane cane bikibonekeza ku Mugoboka muri komine ya Rohero, aho abanyagihugu bubatse amazu y’ubudandaji ndetse bakanayararamwo ku nkengera neza z’ahazanana uruzi rwa Ntahangwa, bikaboneka ko nya tuzu turi ku manga, twoshobora no guhenukira mu ruzi.

Abadandariza aho ku nkengera ndetse n’abahaba, bamenyesha ko bamenyereye kuhaba atabwoba bagiifise, mu gihe bavuga ko ataburyo bafise bamwe bwo kugura ibibanza biri ahantu hameze neza, abandi nabo bakavuga ko kuronka ikibanza bagura ahantu hari umutekano atari ku nkengera z’uruzi, ari ikibazo.

Uri umuntu utahamenyereye, ntiwokwinjira muri utwo tuzu tw’ubudandaji, kuko neza na neza uca ubona wohenukana n’iyo nzu nyene muri Ntahangwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.