Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamuhaye ikindi cumba amaze kurya ivyari muco yahoramwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Bamuhaye ikindi cumba amaze kurya ivyari muco yahoramwo

Bamuhaye ikindi cumba amaze kurya ivyari muco yahoramwo

jeudi 21 Ruhuhuma 2013

Vyabereye mu gihugu c’ubwongereza aho umwana w’imyaka 6 yavukanye indwara itamenyerewe cane yitwa PICA iyo ndwara igatuma umuntu agira akayabagu kenshi ku buryo arya ivyo abonye vyose.

Uwo mwana rero ico abonye cose nico yarya naho kitaba kiribwa gushika n’aho atandukira ibikoresho biri mu cumba ciwe aryamamwo. Nkuko nyina wiwe abivuga uwo mwana yarariye ibipapuro bamanitse ku mpome ama rideaux y’icumba ciwe gushika naho yariye n’imatera aryamako.

JPEG - 7.4 ko

Ivyo vyararuhije uwo mugore gushika naho yafashe ingingo yo kwuguruza umurongo kuri facebook wo guterereza abantu kugirango yubakishe ikindi cumba agishiremwo ibintu uwo mwana adashobora kurya.

Yarashoboye kuronka amafaranga ashika 40.000 vy’ama euro rero iyo nzu akaba yayubatse mu bikoresho bidasanzwe ndetse ashiramwo na Camera ku buryo azoza aracungira uwo mwana wiwe kuri telephone aho azoba ari hose.

Uwo muvyeyi avuga ko uwo mwana amuruhije ku buryo yipfuza uwomufasha kumucunga.

Tubibutse ko uyo mwana ataco yirengagiza abonye ivyondo ararya, abonye ivyatsi acirayo ico abonye cose ntakigera umutwe nkuko nyina abivuga ngo iyo afunguye ntiyigera amenya ngo yahaze canke ntiyahaze, mwomenyako uwo mwana atarenza imyaka 6 ngo uko akura aho kugabanuka niko vyongerekana. Biratangaje!!


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.