IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamvuginyumvira Ferederiko ntiyarengutse imbere y’intahe

Bamvuginyumvira Ferederiko ntiyarengutse imbere y’intahe

lundi 10 Ntwarante 2014

Ferederiko Bamvuginyumvira, uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akaba ubu ari icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, ntiyashoboye kwitaba isango yari yarahawe ryo kwitaba sentare ijejwe kurwanya ibiturire. Abamuburanira bamenyesheje ko amagara amukukitse aho ari mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ari naco gituma atashoboye kwitaba ubucamanza kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 10 Ntwarante 2014.

Muri ntahe y’icese yaheruka kuwa 24 Ruhuhuma 2014, abashingwamanza bane bariko baburanira Ferederiko Bamvuginyumvira bari basavye ko yoburane ava i muhira iwe, kuko iyo sentare nyene ari nayo yari yarigeze kumusaba ko yotanga ingwati y’amafaranga agaheza akaburana yidegemvya. Ferederiko Bamvuginyumvira kuri uwu wa mbere ntiyitavye, kuko akitswe n’amagara kubera indwara y’ivumbuka ry’amaraso afise, vyunyurwa kandi n’ubuzima bwifashe nabi abayemwo mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Abakurikirana amagara yiwe bamuhaye akaruhuko, ari naco gituma mu ntahe yo kuri uwu wa mbere yaserukiwe n’abamuburanira. Umushingwamanza Fabiyano Segatwa, umwe mubaburanira Ferederiko Bamvuginyumvira amenyesha ko babandanya basaba ko yotezurirwa akaburana yidegemvya kuko akitswe n’amagara.

JPEG - 35.9 ko
Segatwa Fabiyano, umwe mubaburanira Ferederiko Bamvuginyumvira

N’aho umushingwamanza Fabiyano Segatwa avuga ko amategeko arekura ko umuburanyi yafatiriwe ku mvo z’amagara yiwe aserukirwa mu rubanza n’abamuburanira, sentare ijejwe kurwanya ibiturire ntiyashoboye gusasa muri urwo rubanza, bakaba barindiriye ko Ferederiko Bamvuginyumvira aheza ikiringo c’akaruhuko yahawe n’abakurikirana amagara yiwe. Mu kurindira, abo bamuburanira babandanya gusaba ko Ferederiko Bamvuginyumvira yotezurirwa abakurana yidegemvya kuko amagara yiwe yifashe nabi.

JPEG - 42.6 ko
Bamvuginyumvira Ferederiko, mu ntahe yo kuwa 24 Ruhuhuma 2014 yari akitswe n’amagara

Egide Nduwimana

Messages

  • Ico shimira intwaro ya Nkurunziza yarerekanyeakarorero mugufunga abategetsi bahambaye na cane cane abahutu.kimwe nuko mubafungwa,bose barenganywa twezere ko naho izoba imyaka 200,bazotinda bakavako ubwo nabo bazoja ahohantu bashira abandi,babaziza imvo ya politike none nibavakubutegetsi ga bazoca biyahura canke bazoca bahunga.Reka tubitege amaso abaramvye bazobona.Twosaba bakarekura izonzirakarengane.

  • Jewe abo bA DD barashobora kwibaza inkwirikizi zoba hamwe mutamaBavunginyumvira yohwera ,naho ntabimwipfuriza ariko barAkenyeye bafunge umuntu atacazira,agware bongere bamugumize mwinohero,.nabantu barihaze tuzi ko birigwa barica abandi ....iryo nivumwe banywa cocaine nagire sabe mutama ahari akomere imanA iramubona natwebwe twese tuzosenga mpaka arekuwe komera Bavunginyumvira ncane#eeeeeeeeeeee100000%

  • Mukintu abarundi tutazokwibagira ku ntwaro ya NKURUNZIZa nuko abahutu benshi bishwe , bagafungwa , bakangazwa ,ubukene mugihugu , ubusuma , imbonera kure zica

  • None twotandukanya gute intwaro zabatutsi ni ntwaro zabahutu?Uwobarihafi yonyishura nka Mama.

  • Jewe abobantu umengo bariko bararaga ntibashoborakuraga abana ineza. Aho muriyunvirako mumyaka irimbere ivyomukora bizorihwa nabana banyu iyunvire nkumwa banvuga ahuriye numwana wuwamufunze ahantu vyogendagute ?ivyo ntibihera ndabarahiye!

  • Hewe turibabe reka nkwishure jewe MBAYE hafi ,muga ngira na MAMA yafatiriwe namabanga Ajejwe,intworo y,igitutsi yarangwa na ma coup d,Etat,kandi nokubatutsi kubanti ntibabagera umutwe,akamuna nako bayikubita umutama PRESIDANT NDADAYE,nabamufasha kurongora igihugu,bobo baciye banuga umuhutu yitorewe nabene gihugu.ariko ico womenya ari umututsi kumu Tutsi ntiyamwica,kaba akanyejenda,niko vyitwa,ucubona iyo baturuka abo batutsi bagihanahana,babanje kunigura ubuhutu bwari mugisoda motif ngo habaye coup d,Etat,ico womenya mwayo mahinduka ntamusoda w,umututsi yicwa,wahitwa BURURI,MWARO NAGACE GATO KAMAKAMBA !!!.nkagatutsi kapfamwo kaba nkakava muri nord nahandi hahegereye.INTWARO irongowe nabahutu nayo:bisigugwa ko PRESIDANT nabamufasha kurongora igihugu baba bitorewe nabene gihugu ubwabo.hama bagasabikanya ubutegetsi nabatutsi,babishoboye,kandi bemera iyo ntwaro yatowe,nabanyagihugu.bakubaha amategeko agenga igihugu na mpuzamakungu.mwiyo L,Etat rero yademokarasi igira intambamyi nyinshi bitewe,nabansumirinda,mubenshi baba bamenyereye gutwara ari bonyene kuva kera bakumiriye abandi,nkabo ba Leonce,nyangoma,sinduhije,mugwengezo,abiyita abashingantahe,baPacifique,RUFYIRI,Ngo VITAL nabo bandi bose wama wunva bavuga yamuhe,ntandwi ihera utunvise bariko barayogora,MOTIF ngo n,uburenganzira bwabo bwogutyozo L,Etat na bayirongoye,Bamwe murabo bakivugirango,L,Etat MUBUMBA YUMENA,uwo yari SINDUHIJE yabivuze!.rero mwenewacu TUBIRABE,nuko niko reta irongowe numututsi yabayeho,iyubu nayo irongowe n,UMUHUTU nuko iza irategwa imitego nabatutsi bamwebamwe,mbere bakifadikanya na bahutu bintunva nkabamwe nakudondagurira ngaho haruguru,MUGABO RERO ICO MWOMENYA ABANYAGIHUGU BUBU BARACIYE UBWENGE NTAMUNTU YITWA umuhutu,umututsi,umutwa,AZOSUBIRA KUBASUKA MURUZI GWUZUYE,ubu baraciye barahana muritonda ,murabanza mubaze umutima,ryarabaye ntirikabe,sije nohahera.(!!??).

  • Sekuru ndakubaze none kwabandi babikiranira ikibaba ubu umuhutu akaba we yakomejwe atotezwa na mwenewabo,wumva burya atarinda baronderera?Uwamaze gushikira uyo mukate yanka ko bawumukura,mukanwa,mbe Hussein arimwarirya Buye aruko yakorana na Basinduhije?Burya kubatutsi twohava dusanga bo vyarumvikana kudutoteza ko zarintwaro zigisirikare nta democratie yari ihari.Jewe ndi nyarucari kumbure wewe sinzi ico urico urabe iryo jambo DEMOCRATIE uraheza umpe insiguro yaryo.Jewe icombona abobatwara badutwayeneza bataduhohotera twe abanyagihugu,nacobuza ko amatora ageze tubaha amajwi bakabandanya badutwara.Abo banyamigambwe naho boba bariko bavuga vyoba ivyubusa ko twoba tubonako akora ivyiza kandiko nabo yabahaye ubwisanzure.Nibakurikize yamvugo bareke abobanyepolitike Abavuga dukora bavuga dusenga.Hama urabizi nawe intwaro zabatusi zagomba ko ntawuvuga ivyozakora ariko urabona ko ubu ihera ryabo ryahereye gusambuka kumugambwe wabo.Reka turindire Mandat abazungu baha abategetsi bacu babanyafrika,nico gihugu cacu bakaba babaha gushika2025ans,bazodutwara,burya nuwo tukana yotuka imihimbiri yabazungu,nibo bishe Afrika.Reka turabe kobitazoba nkivyombonye bishikiye ikigome cari carigometse UPRONA.

  • Reka sha TURIBABE tube turaganira tuvugana ukuri,nabatari babizi babimenyereho,ico womenya neza nuko abo BAHUTU uvuga ngo bafashwe nabi nabarongoye igihugu,sivyo namba!,ahubwo barya sabahutu bakwije neza,ikindi naco abo ba Leonce,nyangoma,mugwengezo,rupfiri,sinduhije,bizimana francois,nabandi nabandi ntiriwe ndadondagura,NIBIVYAGWA,nukuvuga kabila mbili,usanga nina ari umututsikazi se nawe umuhutu,urunva rero kumukoresha muvyo bashaka mugusamura biroroshe,abo bagamburukira ba INARUME gusunvya BASE BABO,ngira ngaho urategereye neza mwenewacu TURIBABE,kandi ndakwifurije guhinduka nawe ukaja kumurongo.cokimwe na NWARI,DEO.Nuwo yiyita bugaboburihambwa,nimuve ibuzimu muje ibuntu bashahu,reka kuvomera mukiva.

  • SEKURI iyo bumenya umwe bwari ikindi ivyo wavuze vyose nikinyoma cambaye ubusa ubu rero nabahutu bene wanyu nibakiri abahutu non ko numero 1 ari ikivage naw si umuhutu ahubwo be Rwasa naw ni kivage reka kubesha abantu woba ukoze jw ndi muto mugabo uko bona ubu abantu biba igihugu nta ntwaro n mwe yivye kubarusha uko bona mwica mukica nabo musagiye ubwoko nta ntwaro ni mwe yabigize ico kikanyereka ko ata bwoko nabumwe mukorera atari inda zanyu ikimenyamenya nuko umu tutsi abaginyemwo akabakorera uwo acaba umusoma bike ico nobasaba nuko mwogerageza mukibuka iyo tuvuye mukaraba ico muriko muraraga abana banyu mushaka kubasigira igihungu c’amata nubuki canke icurwanko hagati yamoko ndagusavye usubire wibuke ko niba hari umuhutu yagize nabi hari nu mututsi yagize nabi rero ingo tubiregere ubu twitwe abana bu Burundi les burundais urakoze

  • SEKURi. Ndakwibarize ngo tube ibuzimu haaaa hewe urumva kuriwewe umuhutu wese avanze.ntabanga afise.wewe utavaze niwewe ufise ibanga haaaa urantwegeje pe reka kubesha abantu abobose wabuze ntanumwe atari umuhu wakarorero, ahubwo mwebwe aba DD ntimuzi nubwo bwanyu,nti muri umuhutu ,tutsi ,twa kuko twese twarakuranye turazinanye mugabo ubaze umuntu umwe atari DD niyo yakwishura ko.mwebwe mwoba muri abAhutu biburindi uzoce unyishura uzoba ukoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.