IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamvuginyumvira Ferederiko yarengutse mu ntahe y’icese amagara (...)

Bamvuginyumvira Ferederiko yarengutse mu ntahe y’icese amagara amukitse

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ubu akaba ari icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU yarengutse mu ntahe y’icese. Amagara yiwe ntiyari yifashe neza, akaba yaburanye yicaye.

Muri iyo ntahe y’icese yariko yunganirwa n’abashingwamanza bane, yasabiwe gutetezurirwa kugira aburane ava i muhira iwe ndetse ko iyo sentare nyene uyu munsi yariko arumviririzwamwo ari nayo yari yarigeze kumusaba ko yotanga ingwati y’amafaranga agaheza akaburana yidegemvya. Antoine Nzobandora umwe mu baburanira Frederic Bamvuginyumvira akaba avuga ko hamwe uwo aburanira yotaha mu rugo iwe akaza aritaba ubutungane avuye mu biwe vyotuma amagara ya Bamvuginyumvira yifata neza kuruta.

Uwaserukiye Reta muri urwo rubanza akaba yavuze ko bipfuza ko uwo bashengeje, atoja kure ya sentare, ni ukuvuga ko bipfuza ko agumizwa mu Mpimba akaburana ariyo ava, ndetse akivuza ava mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Yabandanije amenyesha ko imvo zatumye agumizwa mu Mpimba zijanye n’uko ashobora kuremera ivyabona canke agatuma amatohoza atagenda neza.

Naho abashingwamanza biwe aribo Fabiyano Segatwa, Raphael Horumpende, Antoine Nzobandora hamwe na Lambert Nsabimana vyagaragara ko baje biteguriye vy’ukuri kwereka abacamanza ko uwo baburanira yokwidegemvya maze agataha iwe, urwo rubanza rwungururijwe kuwa 10 Ntwarante 2014. Amakenga nayo kuvyavugwa ko sentare ishobora kumugumiza mu Mpimba kuko uwo bavuga ko bamufashe bari kumwe Joséphine Nzeyimana atawuzi aho ari ubu sentare ikaba itayakoreyeko.

JPEG - 26.4 ko
Bamvuginyumvira Ferederiko, ari kumwe na Joséphine Nzeyimana (i buryo).

Mwokwibuka ko uwo yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Ferederiko Bamvuginyumvira yafashwe mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 5 Kigarama 2013, ari kumwe na Joséphine Nzeyimana. Bakimufata, yagirijwe ko bari bavuye kurenga ibigo, mu nyuma ico caha barakimukurako, ubu akaba yagirizwa gushaka gutanga igiturire. Yaciye apfungirwa muri BSR, aho yamaze iminsi ine, mu nyuma yungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva kw’igenekerezo rya 9 Kigarama 2013. Mu gihe ico caha comwagira, Ferederiko Bamvuginyumvira ashobora guca ahanishwa umunyororo w’imyaka cumi.

Muri urwo rubanza, hakaba hari abantu isinzi harimwo abanywanyi b’umugambwe avamwo, abo mu muryango wiwe, abanyamahanga bakurikiranira hagufi ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi, eka n’ayandi mashirahamwe akorera mu Burundi.


Egide Nduwimana , Aristide Nizigire

Messages

  • Abakurambere barayamaze bati:<ruriye abandi rutabibagiye>nibaguma babonera abandi ariko nabo bazoteba bashikirwe.iyosahani bagaburirako abandi nabo bitebe bitebuke bazoyirirako.

  • Uvuze ukuri nk’uwurima pe!!

  • biratubabaje kuba ari mu Mpimba ariko ko benshi bavuga ko atacaha kimwagira reka turindire vuba azorekurwa. Umuryango wiwe niwihangane.

  • Bavuginyumvira niwihangane ,uzorekukugwa kubona icaha cokurenga ibigo irico bagufatiye bakigukuyeko ico cigiturire co kiboneka ko ari irementanya ubutungane buburundi nimwisubize umutamana ntimutamikwe muca zangondagonde koresha ukuri amategeko nibwo bushingantahe.

  • Nukuri Imana yo amwijuru nitabare uburundi nabarundi koko turagowe irementanya niryaguma uko rirubu tuzoherera mumunyororo twese jewe nohanura ababijejwe ko borekura uwo munya politike kuko ntakindi azira atari ivyiyumviro vyiwe.

  • Emwe burya ntabuye riseruka ritabonye isuka,uwo mutama BANVUGINYUNVIRA niyihangane azofungurwa natagigwa n,icaha,muga niyagigwa nicaha azokwemere ahanwe,iyaba mwarimuzi kwabo batama aribo basigaye bahumaganye mugusambuza ingo ziyubakiye rukristu,aho batasambuje ingo usanga bariko bakwegana nubwana bwubukobwa bungana nabuzukuru babo,Erega ugezaho mubisagara hoho nakayume,kandi mumenye ko abo batama nibo bafise ivyo guhonga abo bagore babandi,nutwo dukobwa,bavyita ngo nitwamutoyi mama,ivyo bitama vyiviga amazina ngo nukwisazura,uwo nuko wewe yafashwe,none iyazakuba arikumwe numugore wiwe bwite yari gufatwa na POLICE??.nimumbwire namwe,Polisi bariguhurirahehe gayemwe?.hariho ivyihebe bitigera bihura na police,nibaze barabacakira turabe kwingo zabiyubakiye rukristu zotekana,nabana babigeme babumbwe nutwo bahawe nabavyeyi babo babaguriye canke babahaye.mubigeme babanyeshure ho nakayume,ivyo bizee vyarahagize ivyibare,ndavuga nsinvura ,murazovyirabira namwe muzokwihinyurize ivyo nvuze.GIRAMAHORO BAVYEYI MWIBARUTSE abana BABAKOBWA.Namwebwe BAGABO ingo zanyu ziriko zisambuka kubera ivyo bitama vyataye umuco ndabahojeje,muko meze gusenga IMANA,burya imisi yivyo bisuma iraharuye,ngo ni40 gusa.

  • Imana niyo nkuru azoteba arekugwe ariko akarenganyo kazorangira ryar’iyo muburundi

  • jew mbona atanyigisho barikobatanga bitebe bitebuke umusi utaruwabo nabone bazicuza gusa Imana ibaharire nambumukenyezi wumukuru wigihugu arumukirusu ntiyohanura umugabo akarekakokarenganyo kuk,ejo nabo bazoshikirwa.

  • Ko batanguye gufata abasambanyi ni vyiza,gusa nobasaba ko batohereza ngaha kuko ico caha kiragisibije.Ubu dukeneye raffle mu buzu bwa débauche bwose tuze turabe ko abafatwa ari bake!Bamenye ko amarira y’abakenyezi bahemukiwe atijana iyo abo atari abahemu.Twoja mu bubare (amahoteri,,,)twosanga abasohokanye n’abagore babo ari bake.Ariko ni ivy’umwanya muraziko amahera asarisha.
    Uguhora nako ni ukwuwiteka.IMANA IBAGIRIRE NEZA

  • Ndaremesha umuryango wiwe nabo basangiye umugambwe,uko biri kwose azoteba arekurwe.Bahumure.

  • Harabasenga bifuriza inabi abandi...Yezu bamuzaniye umugore yafashwe asambana yarunamye yandika hasi ababwira gute?Bose vyagenze gute?Imbere yugukura agatosi kari mujisho kwa mugenzi wawe manza...!Nimba aruko ibikorane bimaze iki?

  • Mutama imana ikuje imbere numuryangowawe wose, ibwanababuzi bashaka kukuziza ubushingantahe bwawe wamanye twese tukuziko ,ntahobazoguca turinyuma yawe twese imana ikwogere umugisha komera komera etc

  • Mutama Banvuginyunvira ihangane imana irakubona ubutegetsi butaye umutwe ntibuburaabo butembana gikuru kazima twebwe abarundi tukuzi neza kandi turinyumayawe ,weho ntaco uriko urazira bobo bazozira ivyobakoze kandi ntawuzobunvira ikigongwe

  • AAAAAsyiiiii,Aaaare!!GIRamahoro yaba ubivuze ataruko ushigikira aba DD misi yoose narikukumva!!!ariko ivyo uvuga birashisha!!nyaba DD banyu sibo batumariye abakobwa bacu nabagore babanduza za sida za 100 volte!!ubunyamaswa mwakuye mwishamba mwaza mufata abagore nabakobwa kunguvu nne mwaje mubuzima busazwe ntimwabiheba!!mureke kubeshera Bamvuginyumvira c’est la question politique birazwi!!ubusambanyi bahere hejuru ba Adolph Nshimirimana boose!!murabona!

  • Uwohora imbwa gusutama yozimara zose!Ubona iyobahera kuri tonton Ado alias Calebasse,ugaca kuri ka Onesime kagirira ibiganiro kwi telefone samedi kari kwabirana mumahoteli i Gitega ni ngozi!Reka uwomutama iyo atarinda ngo aharanire demokarasi nubu muba muri mubihuru!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.