Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bamwe mu bahawe ibitungwa n’umugambi wa BUGESERA barabidandaje
Bamwe mu bahawe ibitungwa n’umugambi wa BUGESERA barabidandaje
samedi 13 Nyakanga 2014
Inka zagiye ziratangwa n’amwe mu mashirahamwe mu ntumbero yo gukwiragiza inka kugira abanyagihugu bashobore kuronka umwavu wo gutabira amatongo yabo, zimwe zagiye ziradandazwa n’abazihawe.
Mu mugambi wo guha inka abanyagihugu wa BUGESERA bakaba bababazwa n’izo nka zagiye zirahabwa abanyagihugu, ariko bikaboneka ko izigera kuri 65 kuri 760 zatanzwe zadandajwe. Izo nka zari zatanzwe mu mwaka w’2012 mu ntumbero yo gufasha kurwiza umwimbu ku banyagihugu, zikaba zari zagiye ziratangwa mu ntara za Muyinga na Kirundo, mu makomine nka yose agize izo ntara uko ari zibiri. Mukamenya ko ivyo kugurisha ibitungwa vyagiye biratangwa n’amwe mu mashirahamwe afasha mu guteza imbere uburimyi, vyadandajwe nko mu zindi ntara, aha hagatangwa akarorero k’intara ya Bubanza.
Umuyobozi w’umugambi wo gutanga inka wa BUGESERA, ukavuga ko ugiye kuzitura ubutungane bafashanije n’abajejwe intwaro, haba kuri abanyagihugu bavuga ko inka zabo 60 zapfuye, canke ku bandi biyemerera ko aribo bazidandarije.
Aristide Nizigire