Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bamwe mu bakinyi baronkejwe ubushimwe abandi nabo bahabwa ibihano
Bamwe mu bakinyi baronkejwe ubushimwe abandi nabo bahabwa ibihano
lundi 14 Mukakaro 2014
Igihe hariko haba amahiganwa y’igikombe c’isi mu gihugu ca Bresil, ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru FIFA, ryarashizeho umurwi ujejwe kuraba uko umukinyi wese yigenza, canke umurwi wose eka n’abaherekeje. Hari mu ntumbero yo kuraba abazokwigenza neza baronswe ubushimwe. Lionel Messi yatowe nk’umukinyi wa mbere yakinye neza, Luis Suarez nawe yahagaritswe amezi ane adahonyoje ikirenge mu kibuga.

Abakinyi batari bake bararonkejwe ubushimwe butandukanye bivanye n’uko bigenjeje mu nkino haba mu kwinjiza ibitsindo vyinshi, haba gutanga imipira myiza canke kwubaha abo bakinana. Abo ni aba bakwirikira:
1) Lionel Messi, umusatirizi w’umurwi nserukira gihugu ca Argentine n’umurwi wa FC Barcelone, yahawe ikirato c’inzahabu cakozwe n’ishirahamwe ADIDAS
Messi yatowe nk’umukinyi wa mbere yitwaye neza kandi yafashije igihugu ciwe gushika mu rukino rwa nyuma. Basanye imipira myinshi yavuyemwo ibitsindo yavuye kwa Messi, eka no mu rukino rwa nyuma Messi yarerekanye ko ari kizigenza w’umurwi naho bataronse amahirwe yo gutahukana igikombe.
2) James Rodriguez, umukinyi wo hagati w’umurwi nserukira gihugu wa Colombiya, yaronkejwe agashimwe k’ikirato c’inzahabu.
Uwo mukinyi yashoboye kwinjiza ibitsindo bitandatu wenyene hamwe n’imipira myiza yatanze incuro zibiri. James Rodriguez ari mu bakinyi baterereye kugira igihugu ca Colombiya gishike mu gice ca kane gishira ica nyuma.

3) Manuel Neuer, umunyezamu w’igihugu ca Allemagne, n’uwu murwi wa Bayern de Munich. Inyuma yo kwambikwa urugori rw’umunyezamu wa mbere yifashe neza mu mahiganwa y’i Buraya, yaraye ahawe bimwe abanyezamu bambara ku makobo "Gant" y’inzahabu.

4) Thomas Muller, umusatirizi w’umurwi nserukira gihugu w’Ubudagi yaronkejwe umupira ukozwe mu butare bwa "Argent" (Ballon d’Argent), yaronse kandi ikirato ca "Argent" (Ballon d’Argent) kubera ibitsindo 5 yinjije hamwe n’imipira itatu yatanze (3 passes decisives).
5) Arjen Robben, umusatirizi w’umurwi nserukira gihugu w’Ubudagi yaronkejwe umupira w’umujumbu (Ballon d’Argent)

6) Neymar Junior, umusatirizi w’umurwi nserukira gihugu wa Bresil yavunitse uruti rw’umugongo amaze guca amanota yatumye aronswa ikirato c’umujumbu (Soulier de Bronze). Yavunitse amaze kwinjiza ibitsindo bine n’umupira umwe mwiza yatanze.

7) Paul Pogba, umukinyi wo hagati mu murwi nserukira gihugu w’Ubufaransa. Pogba niwe mukinyi wa mbere akiri muto mu bakinyi bose bagiye mu mahiganwa y’igikombe c’isi muri Bresil. Mwomenya ko Pogba aherutse kuronka umupira w’inzahabu yaronse mu mahiganwa y’abadashikana imyaka 20.

8) Colombiya, igihugu cashimiwe kubera abakinyi b’ico gihugu berekanye umupira utagira inzigo canke ujemwo ikibi, bimwe bita "Fair-Play, eka n’inyuma y’ikibuga abakinyi ba Colombiya bari batekereje.
Tubibutse ko naho FIFA yatanze ubushimwe, nk’umukinyi Luis Suarez wewe yaronkejwe igihano c’amezi ane kubera kuryana amenyo.
Cherif Nkeshimana
Messages
20 Mukakaro 2014, 17:12, par Nsavyinganji Tharcisse
Jewe ndi umurundi aba muri Pays-Bas ku km bibiri gusa yaho Arjen Robben aba: "quartier Bedum’’ Ville de Groningen au Nord des Pays-Bas. Nobasaba nshimitse ko mwohindura ivyo mwanditse kuri we bikurikira "Arjen Robben, umusatirizi w’umurwi nserukira gihugu w’Ubudagi yaronkejwe umupira w’umujumbu’’ (Ballon d’Argent)
Ari mu murwi nserukira Gihugu wa Pays-Bas (Ubuholandi) ariko si Ubudagi nkuko nabisomye.
23 Mukakaro 2014, 11:54, par patrick
murakoze ku makuru muduha turakunda iki kinyamakuru.ariko nashaka no gukosora gato ku gakosa mwanditse hano:robben ni umukinyi w’umurwi nserukiragihugu wa Holland akaba akina muri Bayern munich mu budagi.Murakoze
7 Mukakaro 2018, 15:55, par Tharcisse Nsavyinganji
Jewe ndi umurundi aba muri Pays-Bas ku km bibiri gusa yaho Arjen Roben aba: "quartier Bedum’’ Ville de Groningen au Nord des Pays-Bas. Nobasaba nshimitse ko mwohindura ivyo mwanditse kuri we bikurikira "Arjen Roben, umusatirizi w’umurwi nserukira gihugu w’Ubudagi yaronkejwe umupira w’umujumbu (Ballon d’Argent)’’
Ari mu murwi nserukira Gihugu wa Pays-Bas (Ubuholandi) ariko si Ubudagi nkuko nabisomye.