Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bamwe mu banyacubahiro batandukanye buca baja gusezera Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bamwe mu banyacubahiro batandukanye buca baja gusezera Mandela

Bamwe mu banyacubahiro batandukanye buca baja gusezera Mandela

samedi 7 Kigarama 2013

Bamwe mu banyacubahiro batandukanye batanguye kumenyesha ko buca baja gusezera irya nyuma Nelson Mandela, aheruka kwitaba Imana afise imyaka 95 mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Muri abo, hakaba harimwo Barack Obama n’umupfasoni wiwe Michelle Obama, ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Jay Carney umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, aho amenyesha ko muri urwo rugendo rwo mu ndwi iza mu gihugu ca Afrika y’Epfo, azoba ari kumwe na bamwe mu bahoze ari abakuru b’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika nka George W Bush n’umutambukanyi wiwe Laura Bush, kandi bakazogenda mu ndege imwe.

Georges W Bush na Barack Obama barikumwe n'abatambukanyi babo Laura na Michelle Obama

Umunsi abo banyacubahiro bazogira aho mu gihugu ca Afrika y’Epfo nturamenyekan, ariko ikizwi akaba ari mu ndwi iza, kandi Obama na Bush n’abatambukanyi babo, bakazojana mu ndege imwe, indege y’umukuru w’igihugu yitwa Force One. Bush n’umutambukanyi wiwe Laura bakaba barashimye rwose ubutumire bwa Obama kugire baze bajane aho muri Afrika y’Epfo.

Abandi nabo nk’umutama Georges Bush yigeze kurongora Reta zunzubumwe z’Amerika na Jimmy Carter bose ubu bageze ku myaka 89 bo bashobora kutazojayo kubera urwo rugendo ari urwa kure, bagatinya kuruha, ariko ayandi makuru avuga ko hari naho bokwandara bakagenda guherekeza irya nyuma Mandela. Bill Clinton nawe aremeza ko atazosibayo ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Hillary. Clinton amenyesha ko Mandela yari umugenzi wiwe, kandi akaba n’incuti ikomeye ya Reta zunzubumwe z’Amerika.

Bill Clinton na Hillary Clinton umupfasoni wiwe

Umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo Jacob Zuma, akaba yamenyesheje ko ibirori nyamukuru vyo kwunamira Mandela bizoba kw’igenekerezo rya 10 Kigarama ku kibuga ca Soweto, bace bamushingura ku wa 15 Kigarama i Qunu mu Bumanuko bw’Afrika y’Epfo, aho ndetse asanzwe yaranavukiye.

Jimmy Carter n'umutambukanyi wiwe Rosalyn
JPEG - 44.7 ko
Georges Bush na Barbara umutambukanyi wiwe

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.