Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
KINA Music n’Abarundi bazokorana igiteramo c’agakura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > KINA Music n’Abarundi bazokorana igiteramo c’agakura

KINA Music n’Abarundi bazokorana igiteramo c’agakura

mardi 9 Kigarama 2014

Bamwe mu baririmvyi bazwi cane mu gihugu c’Urwanda no mu karere bazoremesha ibiteramo bitandukanye hirya no hino mu Burundi, bazokwakirwa n’abaririmvyi bagenzi babo bo mu Burundi. Intumbero n’ukwipfurizanya umunsi mukuru mwiza w’ivuka ry’umukiza Yesu(zu).

JPEG - 33.8 ko
Eddy Kamoso atanga amakuru muri Volcano Xsmas Tour

Ni igiteramo kidasanzwe, aho abaririmvyi b’ibihangange mu muziki wo mu Rwanda no mu karere bazohura n’Abarundi mu giteramo kimwe. Urutonde rw’abaririmvyi bazoremesha ibiteramo bitatu kimwe mu gisagara ca Bujumbura, ibindi mu gisagara ca Ngozi na Gitega, rwamenyekanye. Mu rukurikirane rw’ibiteramo ruriko rutegurwa na KINA Music hamwe na Volcano bise Volcano Xsmas Tour ruzohuriramwo abaririmvyi : Umurwi wa Dream Boyz uzwi mu ruririmbo "Urare Aharyana", Knowles Butera azwi mu ruririmbo "Nzabampari", Christopher azwi nawe mu ruririmbo "Uwo munsi", hamwe na Tom Close azwi mu ndirimbo nyinshi nka "Si beza", abo bose bahuriye mu ruganda rwa KINA Music, aho bazwi mu ndirimbo nka "Rubanda", "Kanda Amazi" canke "Nshatse incuti". Bafadikanije na Happy Famba, Black G, Lolilo, na Rally Jo bo mu Burundi bazobica bicike mu giteramo bazohuriramwo.

JPEG - 37.5 ko
Igihe Kina Music yariririmba "Kanda Amazi"

Umumenyeshamakuru-muririmvyi Eddy Kamoso atanga amakuru muri Volcano Xsmas Tour, atubwira ko igiteramo kizoba kidasanzwe kandi kizoba kibaye ica mbere KINA Music iremesheje mu Burundi. Eddy Kamoso ati : "Ibintu vyo mu giteramo ntibisanzwe, ibikenewe vyose twarabitegekanije, umuhinga w’ivyuma Dj Bisoso azoba yahishikiye, kandi igiteramo kizotangura kare kugira abavyeyi n’abana bazoronke akanya keza ko kuryoherwa hakiri kare".

Igiteramo kizoba ari kw’igenekerezo rya 25 Kigarama mu kibanza Musée Vivant kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, abipfuza ibibanza vyo kudandarizamwo ibintu vya nkenerwa (ibinyobwa, ibiribwa eka n’ibindi vyo kuryosha ikirori) bahawe ikaze.

JPEG - 75.6 ko
Dream Boyz, Knowless, Christopher na Tom Close bari bafata amasanamu y’ururirimbo "Twaribohoye"
JPEG - 29.8 ko
Umurwi Dream Boyz

Ibisigaye mushobora kubisoma ku rupapuro ntangazagiteramo aha munsi :

Umviriza urabe n’isanamu y’ururirimbo "Kanda Amazi" rw’umurwi "Kina Music"


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.