IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu barongoye amakaritiye baragirizwa kunyuruza imfashanyo z’abahuye (...)

Bamwe mu barongoye amakaritiye baragirizwa kunyuruza imfashanyo z’abahuye naya mvura

lundi 24 Ruhuhuma 2014

Umuyobozi w’intwaro mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko agiye gukora ibishoboka kugira abarongoye amakaritiye yo mu Buraruko bw’igisagara bagirizwa ubunyonyezi bahashwe.

Ivyo Teresiyo Mbonabuca akaba yabivuze inyuma yaho bamwe mu barongozi b’amakaritiye yo mu Buraruko bw’igisagara ca Bujumbura bagirijwe kuba bari mu banyuruza imfashanyo zigenewe gufasha abahuye n’ivyago vya ya mvura; iheruka gusasika inganda mu makomine amwe amwe y’intara ya Bujumbura hamwe n’igisagara ca Bujumbura.

Bamwe mu bahuye n’ivyago bakaba bagumye batakamba ko abarongoye amwe mu makaritiye bagira amanyanga. Amwe akaba ari ukwandika abatahuye n’ivyago n’ayandi manyanga agirwa n’abo bategetsi bo hasi. Iyo ngendo rero abasanzwe bayifise bakaba bagiye guhagurukirwa bahashwe, eka ndetse n’abandi boba bafise ako gatima bagasubize hasi nk’uko bivugwa na Mbonabuca.


Aristide Nizigire

Messages

  • sibo! umwera utangurira ibukuru ugakwira hose.amanya sayubu gusa.ndabaye kobatagirimbabazi nabagowe abakomeye bo karabaye.Mana we turagoyewe

  • Manaa, mbese abarundi twabaye gute? Nta rukundo rukiba muburundi biratangfaje cane gose ingene umuntu w’indongozi ariwe agaruka kurya imfashanyo z’abarokotse mu mwuzurira, abantu nkabo barakwiye kwikubita agashi.

  • Muri CNDD umuntu wese ni umusuma guhera hejuru kumanukakugeza ku mukuru wa karitiye. Abanyagihugu barokotse ku mwuzure wabaye ntibari bakwiye kwibwa infashanyonabajejwekubarongora

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.