Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu basirikare bakuru b’igihugu bashizwe mu karuhuko k’izabukuru
Bamwe mu basirikare bakuru b’igihugu bashizwe mu karuhuko k’izabukuru
mercredi 14 Nzero 2015
Bamwe mu basirikare b’ipete rya Général hamwe n’abandi bafise ayandi mapete, bashizwe mu karuhuko k’izabukuru n’itegeko ry’umukuru w’igihugu.
Mw’itegeko nomero 100/310/ ryo kuwa 31 Kigarama umwaka w’2014, ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza hamwe n’umushikiranganji w’ukwivuna abansi Général Pontien Gaciyubwenge, bamwe mu basirikare b’igihugu bafise ipete rya Général bashizwe mu karuhuko k’izabukuru.
Abo nabo akaba ari Général Major Samuel Gahiro, Bijonya Bernard, Sylvestre Nimubona na Celestin Nimubona.
Umurwi wa kabiri ugizwe n’abandi bashizwe muri ako karuhuko bafise ipete rya Colonel, abo ni nka : Dominique Cishahayo, Anatole Nahayo, Joseph Nibamenyere, Joseph Nzeyimana, Léonce Baserukiye, Michel Siboniyo, Sixbert Musavyi hamwe na Protais Ntihogora.
Umurwi wa gatatu nawo wabashizwe karuhuko k’izabukuru, akaba ari aba capitaine batatu aribo Laurent Ndihokubwayo, Didace Nzikobanyanka na Arthémon Nduwumwami.
Aristide Nizigire
Messages
14 Nzero 2015, 12:25, par Nwari
Kombona arabatutsi bakera gusa ????,,yaaaa ubwo iryo nikoji?????kombona arabatutsi hamwe nabahutu,nka babiri,nabonyene bakera numu fnl
14 Nzero 2015, 18:45, par Siraa
Nanje numva birimwo amahinyu nukuri bararaba neza ntibabe ari ibindi ,,,abatama bakera gusa kandi babatutsi gusaaaaa..........
15 Nzero 2015, 00:21, par Solo
Bijonya niwe niwe yaratumaze ibuga nande neza akazabarigwan’Imana.
15 Nzero 2015, 00:58, par kira burundi
none se ari abatama mutangazwa n’iki? izabukuru canke gukukuruka bisigura iki?
Ewe burundi warafpafpanye mu marementanya n’ukwanka reta ndede!
15 Nzero 2015, 07:01, par Nuwera
Ikintucose ngwaba DD! None ubusaza harihumuntunumwe buzotinya ngonuko ataraba DD? Canke umusoda womubwoko runaka ageze muzabukuru nukuzoca tujakubaza DD ngonukuberiki uyumusirikare yageze muzabukuru? Jehokubwanje ntibaribakwiye kugeramuzabukuru iyabarivyonigirida umusirikarenyene ahoyarayankuye mukurwanya ibimwenyi vyarivyateye muntaraya Cibitoke nyene!
19 Nzero 2015, 02:00, par Nkuru
Mbe wamuntu wiyita Solo we yakumase akurondera ko iki???? Nimwe mwari mwateye nawe yari kurwanya umwansi kuko mwari abansi bigihugu vuga uwuzi sha uwo ntawe uzi urakitwara
16 Mukakaro 2016, 23:11, par fils jde Dieu
Nibatahe hari hageze