Accueil > Ubutunzi > Bamwe mu bategetsi biyeguriye uburusho bagabishijwe ko bigiye gushirwa (...)
Bamwe mu bategetsi biyeguriye uburusho bagabishijwe ko bigiye gushirwa hejuru
mercredi 23 Ndamukiza 2014
Ishirahamwe Olucome ririyamiriza ryivuye inyuma ukutariha amakori kwibonekeza mu bategetsi ba Reta bamwe bamwe hamwe, n’uturusho tw’umurengera usanga dutangwa.
Mu kiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 23 Ndamukiza uyu mwaka, Gabriel Rufyiri aratangazwa n’ukungene abategetsi bamwe bamwe basanzwe bahembwa umushahara buri kwezi, bakaca biha utundi turusho tuvuye mu mirwi yamaho canke imirwi y’akanya gato, kandi biba bisanzwe biri mu kazi kabo. Gabriel Rufyiri atanga akarorero k’abategetsi bo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta, aho mu rwandiko rwo kuwa 18 Gitugutu umwaka uheze banditse ko bufitiye abari mu muri uwo murwi amafranga hagati y’1,500,000 hamwe n’ 2,000,000 amafranga y’amarundi.
Gabriel Rufyiri arongoye Olucome avuga ko bahonyanga amategeko kuko hariho urwandiko aho Reta yafashe ingingo ko abari mu mirwi (commission technique) kizira ko barenza amafranga ibihumbi 20,000 kw’isaha hamwe n’amafranga 300,000 ku kwezi. Hamwe ivyo bitohagarara Gabriel Rufyiri avuga ko amashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporitike, azoca agirisha ibiganiro abanyagihugu abamenyeshe ingene amafranga yabo akoreshwa.
Floxella Karire