Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwe mu bateye kaminuza ya Garissa yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umwe mu bateye kaminuza ya Garissa yamenyekanye

Umwe mu bateye kaminuza ya Garissa yamenyekanye

mardi 7 Ndamukiza 2015

Bamwe mu bihevyi b’umuhari wa al shabab baheruka gutera kaminuza ya Garissa mu gihugu ca Kenya, batanguye kumenyekana.

Abdirahim Abdullahi umwe mu bateye kaminuza ya Garissa

Umwe ni mwana w’umuhungu yari ahejeje amashure yiwe ya kaminuza mu gisata c’amategeko muri kaminuza imwe yo mu gihugu ca Kenya. Uwo musore azwi kw’izina rya Abdirahim Abdullahi, yavukiye mu gihugu ca Kenya, ariko amamuko ya se akaba ari mu gihugu ca Somaliya. Inyuma yo kurangiza amashure yiwe mu gisata c’amategeko, akaba atasubiye kuboneka mu gihugu ca Kenya, bikavugwa ko yaciye aja kwiga ibijanye n’ubwihevyi mu muhari wa al shabab, nk’uko vyemezwa na se wiwe.

Uwo musore rero bivugwa ko yari aciye ubwenge no mw’ishure, mbere akabonwamwo nk’uwari afise kazoza keza mu butungane bw’aho muri Kenya. Yatowe mu bindi biziga bitatu vy’abateye aho muri iyo kaminuza, hagapfa abagera kw’148, harimwo abanyeshure b’iyo kaminuza 142, bamwe mu bashinzwe gucungera umutekano n’abandi muri abo bihevyi.

Muri abo bishwe kandi, hari hagwiriyemwo abari mw’idini ry’abakatorika. Mu nkuka y’imisa yasomwe kuri Pasika i Nairobi, hakaba hasabwe cane cane, umwumvikano hagati y’abari mu madini atandukanye. Nayo, imbere y’ukwinjira mw’isengero, abakirisu bose, bakaba babanzwa gusakwa, abaporisi nabo isinzi bari bakikuje Cathedrale nkuru y’i Nairobi.

Mukamenya ko haciye hashingwa ikigandaro c’iminsi itatu, nayo mu nyuma z’ico gitero, igihugu ca Kenya kikaba caciye gisambura amakambi abiri, y’abo bihevyi, bitwaza idini rya Islam muri Somaliya.


Aristide Nizigire

Messages

  • Uwo akwiye guca nawe yicwa kuko atevye atera akababaro abauze!!ntakwiye nokwerekanwa isanamu!!!

  • Ariko se abz bantu bazokuica gushika ryari ????

  • imana ibaharire ntibazi ivyobakora

  • mwabonye uyo mwicanyi,ni umwungu wa rwa ruyuzi muze mubamenya!!!

  • negetif, kumbure nasomye nabi, ariko umengo bavuze ko ari muri 3 baba teroliste bagandaguwe, muri kirya gitero!

  • "C’est le lion que tu engraisses qui te tue", NTIMUJE KURE, umwe wese arabe aho aherereye musanga mukikijwe n’abihevyi gusa.

  • Aha,mbe nyene abategetsi bacu bibuka gutora ingegene imisure yagurutse?birame mbone,bishwe bisanzwe bivugwavugwa ko harihasanzwe hitezwe igitero nk,ico.kuki batakinze kare incambwenge nk,izo zitarahasiga ubuzima?ndatangazwe n,uburyo amakaminuza afatwa muri afrika aho iburayi n,ahandi kaminuza ar,ikigo gifatwa nk,umutima na kazoza k,igihugu.raba uburundi si kera havuzwe uruhagarara rufatiye kuri politike aho muri kaminuza.reta yakoze iki kugira ikinge amaraso ntaseseke?ahubwo ntibarindiriye gukinga nko muri kenya ayaseseka yasesetse?kera bavuga ngo iriserutse ntiryica isuka,ubuho niryo riyivuna.duhe agaciro afrika nziza yacu urabeko n,abazungu bataza kudusega.none afrika ibuziki?ugushaka kw,abanye politike gusa.ubundi imana yayihaye vyase kandi vyiza.tuyubake ntamuzungu azoyitwabakira kiretseko azodufasha kuyisenyura nakare ngo uwutema urwiwe bamutiza umuhoro.baho afrika!vive l,afrique!

  • Mbe vuganeza uvuze ngo uwo musore numwungu wa rwa ruyuzi ub ushats kuvuga iki ga nyakuvugindiga!

  • imana ighe yarimbuye abanyavyaha nkabo bicira bandi ubusa atacobazira mbega icra!!bazoboroga,bazotaka atawebatakira,bibukee kwataribobiremye twese twabonye turikwiyisi .jewe ndumusiramu turabeneza ijuruturondera siryo jewe mpise ndarivamwo ntavyokwitamumuriro ndawubona

  • we rupande
    ico nashatse kuvuga kiriho ,ikibwigwa nicumva,icerkwa n’ikibona,kenya iyo ireka kubakira ntiba ifise igorane!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.