Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ban Ki Moon arashima intererano ya Jakaya Kikwete mu ngorane za politike mu (...)
Ban Ki Moon arashima intererano ya Jakaya Kikwete mu ngorane za politike mu Burundi
vendredi 29 Rusama 2015
Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon arashima igikorwa ca Jakaya Kikwete umukuru w’igihugu ca Tanzaniya mu gufasha gutorera inyishu ibibazo vya politike biri mu Burundi.
Abicishije kuri Terefone,Ban Ki Moon yavuze ko ashima ubutwari bw’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya,nk’umurongozi w’akarere ka Afrika y’Ubuseruko mu guterera mu kuronka inyishu ku ndyane zibonekeza mu Burundi.
Umunyamabanga mukuru wa ONU yavuze ko ari ngombwa ko abarundi bafise ico bofasha bofata ingingo ziboneka, mu ntumbero yo kugabanya agashavu kaboneka ku mpande zose, hamwe no gutuma haboneka icuka ciza cotuma haba amatora abaye ku mugaragaro.
Ban Ki Moon arangiza amenyesha ko yizeye ko inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko itegekanijwe kuw’Imana igenekerezo rya 31 Rusama,i Dar-Es-Salaam izofasha kwereka inzira yogufata.
Van Naris Mugisha
Messages
29 Rusama 2015, 15:12, par ntiwihebure
murisho wewe numva ari sawa, dukize intureka azodufasha no kuvuza ingoma, ko asuka mwo mabisi atari abagesera, uko bakabaye abagesera nyene basuka mwo essance, ibisheshe n’umuriro bakokeza. ariko nawe nyene atange intererano ijanye n’ibihe tugezemwo, ntatange nk’iyo yatanze mumyaka iheze.
29 Rusama 2015, 15:20, par Beno niyi
Areke kwica inzehe agende yerekane ingene:2 1=2 ayo mushure nta nahamwe ari muburundi eka no muri IEPS ivyo ntabiriyo.
29 Rusama 2015, 15:22, par Beno niyi
Areke kwica inzehe agende yerekane ingene:2 1=2 ayo mushure nta nahamwe ari muburundi eka no muri IEPS ivyo ntabiriyo.
29 Rusama 2015, 15:23, par Beno niyi
Areke kwica inzehe agende yerekane ingene:2 1=2 ayo mushure nta nahamwe ari muburundi eka no muri IEPS ivyo ntabiriyo.
30 Rusama 2015, 00:50, par dave
Nagende bamukubite intahe mu gahanga kuko agasozi ki ntahanurwa kahiye abagabo babona kandi kananira abagabo ntiyimye
30 Rusama 2015, 01:46, par manatubehafi
Mbe basha mbere ko hateguw coup d,Etat bigatuma inama isiba ubuho ngira hazoba coup des Etats!Uwuramvya azobona!
30 Rusama 2015, 03:56, par emma
emma
ndagushimiye nyakubahwa munyamabanga mukuru wa uni wewe uri nyakubahwa ijambo ryawe rirumvikana cane na leta ishaka umwumvikano atari guhirika ubutegetsi president gikwete nawe numuvyeyi ndazi ntazokwemera kuburundi bwononwa na bashaka ubutegetsi k
30 Rusama 2015, 07:38, par kirangiza seremu
Le président Tanzanien a conduit lui même a la frontière Peter lors du putsch manque. Le Président tanzanien est du cote de Peter. Aboba bibaza ko Kikwete adashigikiye Peter Barihenda
30 Rusama 2015, 09:02, par Vincent ntibarikure
banyamahanga ndavy ikibazo cuburundi carabananiy kanatsinda namw mufise ibibabazo bibarenz vyabananiye gutorera inyishu reka mbereke umutiwiwibibazo vyibihungu ntawundi atari kwakira Yesu Christi akaba umwami numukiza mubugingo bwacu kuko uwomwami atanga amahoro urukundo umunezero nibindi rero ntimusubire kuruha kubwuburundi uwaburemy arabuzi nkuko uwakuremy akuzi isaha yayo igeze amahoro arataha muburundi humura abizera christo Yesu yaranesheje
30 Rusama 2015, 15:44, par Sinzovuga
Ikibazo cy’abarundi cyakemurwa n’umuntu umwe ntavuze naho ibya Kikwete muzorindira amaso ahere mu kirere. Mwambwira niba ba Presidents ba EAC bose bazitabira iriya nama. Ndabarahiye muzaba mumbwira. Solutions ifitwe na Nkurunziza byananirana undi nuwo ntigeze mvuga. Bye Bye Dar es laam..
14 Rusama 2016, 09:23, par Salvator NITEREKA
Muvyuri Natwe Turashima Kanditwizerekobizogenda Bien.