Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki-moon asaba ko umutekano wogaruka muri Abyei - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ban Ki-moon asaba ko umutekano wogaruka muri Abyei

Ban Ki-moon asaba ko umutekano wogaruka muri Abyei

dimanche 5 Rusama 2013

Umwe mu batware bo hagati mu gihugu mu ntara ya Abyei, Sudani na Sudani y’ Epfo batumvikana, yishwe arashwe mu mishamirano ivurwamwo abanyasudani bava mu bwoko bw’abarabu.

Kwol Deng Majok yari umukuru w’abanyasudani bo mu bwoko bwa Dinka yishwe igihe abo mu murwi witwaje ibirwanisho wa Miseriya bari bashamiranye n’abasirikare ba ONU bashinzwe kubungabunga amahoro muri ako karere.

Umwe mu basirikare ba ONU ava muri Ethiopia nawe yarishwe mu gihe abandi babiri bakomeretse.

Uko gushamirana kwatanguye igihe imodoka zari zitwaye abategetsi bo muri Sudani y’Epfo bariko biga kuri kazoza k’intara ya Abyei barwa mu gitero cagizwe n’umurwi witwaje ibirwanisho ugizwe n’abarwanyi b’abarabu.

Igihe abasirikare ba ONU bari ahantu habona neza, bagerageje kuraba uko aba bategetsi barekurwa.
Sudani y’Epfo na Repubulika ya Sudani ntibarumvikana ku ntara ya Abyei.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki-moon yasavye ko hogaruka umutekano muri ako karere inyuma y’iyicwa rya Kwol Deng Majok, yemeza ko yishwe n’abarwanyi b’abarabu bo mu murwi wa Miseriya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.