Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban Ki-Moon yabonanye n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ban Ki-Moon yabonanye n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

Ban Ki-Moon yabonanye n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

mardi 23 Ruhuhuma 2016, par egide

Inyuma y’umubonano yagiranye n’abanyeporitike batandukanye harimwo n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon afitaniye mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, umubonano na Petero NKURUNZIZA, umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Abanyeporitike babonanye na Ban Ki-Moon akaba ari Agathon RWASA, Leonce NGENDAKUMANA arongoye SAHWANYA FRODEBU, Pascal NYABENDA arongoye CNDD FDD, hamwe na Karori NDITIJE umukuru w’umugambwe UPRONA utemewe na Reta.

Muri uwo mubonano na Ban K-Moon, Concilie NIBIGIRA umukuru w’umugambwe UPRONA akaba atashoboye kwemererwa kwinjira ahariko habera uwo mubonano. Na Jacques BIGIRIMANA wa FNL, Jean de Dieu Mutabazi wa COPA bakaba batashoboye kwakirwa na Ban Ki-Moon.

Inyuma y’umubonano hagati y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon, abo bategetsi bompi baca batanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.