Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ban Ki-moon yahamagariye amakungu yose guhimbaza umunsi wahariwe Nelson (...)
Ban Ki-moon yahamagariye amakungu yose guhimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela
mercredi 16 Mukakaro 2014
Ban Ki-moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yamagarariye ibihugu vyo kw’isi yose guhimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela, mu gufasha gutorera inyishu ibibazo vyugarije imiryango yo kw’isi.
Mw’itangazo ryaraye risohowe n’igisata kijejwe gutanga amakuru mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i Pretoriya, kuri uyu wa 15 Mukakaro 2014, Ban Ki-moon amenyesha ko umuhisi Nelson Mandela ariwe yatumye intwaro ya karyanisha miryango ivaho, mu gihe n’ibindi bihugu bitari bike kw’isi, vyari vyugarijwe n’intwaro ya gikoroni yatuma batitegemvya.
Kubera ko gushika ubu kw’isi yose hakicigaragaza indyane mu bantu, ubukene, amakaburi, amahane, ihindagurika ry’ibihe n’ibindi, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ahamagarira ibihugu vyose kwitaba akamo ko guhimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela. Ban Ki-moon amenyesha ko umunsi wahariwe Nelson Mandela, wama uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro, ari akamo gahamagariwe abantu bose kugira ico bakoze mu guhindura ibitagenda neza aho baherereye.
Kuri uwo munsi wahariwe Nelson Mandela, abantu bose, imirwi canke amashirahamwe yose yo kw’isi, ahamagariwe gufata akanya kangana n’iminota 67 ku mwanya wabo mu kwibuka nyakwigendera Nelson Mandela mu gushigikira amashirahamwe asanzwe afasha abari mu ngorane. Ubutwari bwiwe, ukurwanira agateka ka zina muntu, ugushigikiranira, ukwitanga, bikaba ari bimwe mu vyaranze umuhisi Mandela inyuma y’imyaka 27 yamaze ari mu gasho.
Tubibutse ko igenekerezo rya 18 Mukakaro mu mwaka w’i 1918, ari umunsi w’amavuka y’umuhisi Nelson Mandela. Uwo munsi ukaba waciye wemezwa n’inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu mwaka w’ 2009 nk’umunsi mpuzamakungu wamuhariwe wokwama uhimbazwa.
Mariella Bukuru
Messages
17 Mukakaro 2014, 03:30, par Mama
Umuhisi Nelson Mandela yari umupapa wabarundi, turimubambere bazokwubahiriza ivyo umunyamabanga mukuru wa ONU avuze ntaguhigimanga.