IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ban Ki Moon yibutsa abanyeporitike kwirinda gukoresha inguvu

Ban Ki Moon yibutsa abanyeporitike kwirinda gukoresha inguvu

vendredi 17 Ndamukiza 2015, par Egide N

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Mon amenyesha ko atewe umutima uhagaze n’icuka kitari ciza muri iyi minsi y’amatora mu Burundi. Ahamagarira Reta y’Uburundi gutegura amatora yizewe na bose kandi yo ku mugaragaro.

Mu kiganiro Ban Ki Moon yagiranye i New York kuri uwu wa gatatu n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA, yamumenyesheje ko atewe impungenge n’ikoreshwa ry’inguvu ryatanguye kwibonekeza muri iyi minsi Uburundi buriko bwitegurira amatora. Ban Ki Moon yasavye ko amatora yotunganywa ku mugaragaro, kandi agahuza bose. Yahamagariye abanyeporitike kuzokwirinda icotuma baja mu ntureka. Muri uwo mubonano, umushikiranganji Edouard Nduwimana akaba yaragerageje gusigurira Ban Ki Moon ko ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza cubahirije amategeko.

JPEG - 29 ko
Ban Ki Moon

Uwo mushikiranganji yabisiguye mu gihe Ban-Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yaheruka kwihamagarira umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuri terefone ngendanwa, amusaba ko yokwitondera ingingo azofata mu bijanye n’ugusubira kwitoza kwiwe, agasuzuma ingaruka zayo ku gihugu no ku rundi runganwe.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.