Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ban-Ki Moon yizeye ko Petero Nkurunziza azokwitondera ingingo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ban-Ki Moon yizeye ko Petero Nkurunziza azokwitondera ingingo (...)

Ban-Ki Moon yizeye ko Petero Nkurunziza azokwitondera ingingo azofata

samedi 28 Ntwarante 2015, par Egide N

Ban-Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yizeye ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azofata umwanya ukwiye w’ukwiyumvira agapima ingaruka, imbere y’uko afata ingingo y’ugusubira kuzokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu.

Amakuru dukura ku rubuga ngurukana bumenyi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (www.un.org/sg/offthecuff/index.asp?cuff=2) amenyesha ko mu kiganiro Ban Ki Moon yagiranye kw’iterefone n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kuri uwu wa gatanu, yamusavye ko yokwitondera ingingo azofata mu bijanye n’ugusubira kwitoza kwiwe, agasuzuma ingaruka zayo ku gihugu no ku rundi runganwe.

JPEG - 61.7 ko
Ban Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU

Nk’uko ayo makuru dukura ku rubuga ngurukana bumenyi bw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU abimenyesha, Ban-Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arashima intambwe Uburundi bwateye, bivuye ku gushaka kw’abarundi kwo kwubahiriza amasezerano y’i Arusha, hamwe no mu kurondera kubana mu mahoro n’intwaro rusangi. Ban Ki Moon yibukije umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko abatari bake babandanya kumusaba ko yokwubahiriza amasezerano y’i Arusha, hamwe n’ibwirizwa nshingiro riyakomokako. Uwo munyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU akamenyesha ko afise umwizero ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azofata ingingo ituma Uburundi buguma mu nzira y’amahoro n’umutekano, akamusaba ko yogenzura ko inzego z’umutekano zikora ataho zihengamiye mu gihe habaye imyiyerekano.

Ban-Ki Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yagiranye ico kiganiro n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu gihe hari haheze umunsi umwe gusa inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Ububirigi isavye ico gihugu guhimiriza Petero Nkurunziza kutitoza mu matora y’umukuru w’igihugu mu 2015, kuko yoba ahonyanze ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amasezerano y’i Arusha.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.