Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh: inama nshingamateka yemeje itegeko ryo kwunguruza (...)
Bangladesh: inama nshingamateka yemeje itegeko ryo kwunguruza urubanza
lundi 18 Ruhuhuma 2013
Inama nshingamateka yo muri Bangladesh yatoye itegeko riha uburenganzira Reta bwo kwunguruza urubanza no gusubiranwo ingingo ya sentare idasanzwe ihana ivyaha vyakorewe mu ntambara
Iryo tegeko ariko rishobora gutuma haba ibihano bihanitse. Hari haheze indwi zibiri haba imyiyerekano isaba ko bacira igihano co gupfa abantu bagirizwa ivyaha vyakorewe ikiremwa muntu mu ntambara yatumye Bangladesh yikukira igihe yari mu bukoroni bw’aba Pakistan mu 1971.
Isinzi ry’abantu ryarakomye amashi ku murwa mukuru wa Dhaka igihe inama yemeza iryo tegeko.
Abarihinyura bavuga ko iryo tegeko rigambiriye guhana abo mu mugambwe rya ki islamu (Jamaat-e-Islami) badashaka ko Pakistan iha ubwigenge Bangladesh.
Uyo mugambwe wavuze ko Reta ishaka kuwusambura.
Sylvere Bavumiragiye