Accueil > Amakuru > Mu makungu > Bangladesh: Inyubakwa yahitanye abantu barenga 70
Bangladesh: Inyubakwa yahitanye abantu barenga 70
mercredi 24 Ndamukiza 2013
Ibikorwa vyo gutabara abari munsi y’ibihomoka vy’inyubakwa yasenyutse birakomeza mu gisagara ca Dhaka mu gihe abarenga ku 200 bakomeretse.
Igisirikare kiriko kirafasha mur’ivyo bikorwa vyo gutabara.
Inyubwa zirakunze guhenukira ku bantu muri Bangladesh aho usanga inyubakwa z’amagorofa maremare zubakwa hadakurikijwe amategeko.
- Inyubakwa yahitanye abantu
Iyo nyubakwa y’amagorofa umunani yasidutse yarimwo ihinguriro ry’impuzu, ibanki n’amaduka menshi,yasidutse mu masaha yo mu gatondo ,mu masaha abantu bariko bihuta baja ku mirimo.
Abantu benshi bashengereye ngaho barondera kumenya amakuru y ’abagenzi babo.
Umunyamakuru wa BBC Anbarasan Ethirajan ari Dhaka, avuga ko icatumye iyo nyubakwa isenyuka kitaramenyekana neza.
Ariko ibinyamakuru vyaho bimenyesha ko iyo nyubakwa yari isanzwe yase umugaga kuwa kabiri.
Jean de Dieu Munyembabazi
Messages
25 Ndamukiza 2013, 06:27, par PATRIOTE
ng’izi ingaruka z’igihugu kirangwamwo igituire. na twebe UBURUNDI bwacu butaravye neza ibintu nta kundi bitezze kugenda atari ukuyangara mu gihe OLUCOM isemerera ukamenga ni ukwanka aba DD.SHIRA UBURUNDI KU MURONGO NATWE DUTETRE IMBERE NTITUZE DUHURE N’AKA KAGA.