Accueil > Amakuru > u Burundi > Banzubaze asaba umushingamateka Makurata Nahayo kudasubira kumucafuriza (...)
Banzubaze asaba umushingamateka Makurata Nahayo kudasubira kumucafuriza izina
lundi 9 Kigarama 2013
Banzubaze Emmanuel arongoye kaminuza y’i Mwaro asaba umushingamateka Makurata Nahayo, umuhanuzi mukuru mu biro kwa Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi ajejwe imibano n’imico kama kureka gutyoza izina ryiwe hamwe no kureka inzego z’ubutungane zikigenga.
- Banzubaze Emmanuel, umurongozi wa kaminuza y’i Mwaro
Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 9 Kigarama, Banzubaze Emmanuel arongoye kaminuza y’i Mwaro yahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru. Ico kiganiro kikaba cari gifise intumbero yo gutanga umuco ku vyerekeye amajambo yashikirijwe n’umushingamateka Makurata Nahayo. Muri ico kiganiro, Emmanuel Banzubaze yagiriza umupfasoni Makurata Nahayo kuba avangatiranya ivyerekeye amatati y’amatongo y’umuryango wa Banzubaze Emmanuel, hamwe n’ishure kaminuza y’i Mwaro. Agira ati : "Nta rubanza na rumwe ruri hagati ya kaminuza y’i Mwaro hamwe n’umushingantahe Ngayimpenda Onesphore. Vyerekana rero ko ivyashikirijwe n’uwo mushingamateka bidafise ifatiro."
Mu vyashikirijwe n’uwo mupfasoni Makurata Nahayo ko Banzubaze yoba yaranyaze amatongo mu kurandura uturimbi tw’uwitwa Ndayisaba Appolonie, hamwe n’umunyagihugu Ngayimpenda Onesphore, kw’itongo ryiwe bahana urubibe n’ishure kaminuza y’i Mwaro, Banzubaze arabibeshuza. Ahubwo yagiriza Makurata Nahayo kuba agomba gukoresha igihagararo ciwe kugira asubize itoto urubanza rwamaze gucika kera muri sentare, ivyo navyo bikaba bitarekuwe n’amategeko ya Repuburika y’Uburundi.
Banzubaze arangiza asaba umushingamateka Nahayo Makurata kudasubira gutyoza izina ryiwe, ko kandi yoreka inzego z’ubutungane zigakora akazi kazo kuko ata n’umwe ari hejuru y’amategeko. Amusaba kandi ko yoreka inzego zijejwe amatohoza zigakora akazi zijejwe mu kureka kuja gufunguza abantu hakiri amatohoza, nk’uko yavyerekanye mu minsi iheze. Amusaba kureka kwitiranya izina Banzubaze Emmanuel, akazi akora hamwe na kaminuza y’i Mwaro.
Floxella Karire
Messages
10 Kigarama 2013, 06:59, par claude ngendabanyikwa
hahhhhhhhhhhhhhhhh,muransetsa kabisa abanyepolitique bi burundi umengo n`abana bamwe barasakuza niho indyane zitazoshira i burundi
10 Kigarama 2013, 20:31, par Rukundo
Ntabashingamateka ngaho umenga ntibazi ico bakora ,aravuye kunyaga umukecuru angana nyina mu NYAKABIGA none unve iyageze , iyo nisi azoyisiga aha!!!!! Ikebuke!