Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Barack Obama asaba Kabila gutunganya amatora mu gihe bategekanije
Barack Obama asaba Kabila gutunganya amatora mu gihe bategekanije
mercredi 1er Ndamukiza 2015, par
Umukuru w’igihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, Barack Obama yavuganye kuri telephone na mugenzi we w’igihugu ca Congo Yozefu Kabila, akaba yamusavye gutunganya amatora mu gihe categekanijwe.
Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu Obama rimenyesha ko muri ico kiganiro bavuganye na cane cane ibijanye n’akamaro ko gukora amatora mu mwanya ukwiriye, mu muco, mu mahoro n’umutekano kandi n’amabwirizwa n’amategeko y’abanyekongo akubahirizwa.
Ico kiganiro bakaba bakigize mu gihe abanyacongo na cane cane abatavuga rumwe na Reta bikeka ko ubutegetsi bwa Yozefu Kabila bwoba bwifuza kwigumizaho , ibiringo birengeje ivyo ibwirizwa nshingiro bivyashinze. Iryo bwirizwa nshingiro naryo rikaba rikumira umukuru w’igihugu Yozefu Kabila, kwongera gutwara ubugira kandi, akarenza ibiringo bibiri.
Barack Obama yibukije ko ivyo bashoboye kuronka kubera iyo ntwaro ya Yozefu Kabila, aho yakuye ico gihugu mu ntambara asubiza ico gihugu mu nzira y’intwaro rusangi. Barack Obama agasaba abanyekongo gutsimbataza iryo ragi mu gutsimbataza intwaro rusangi, babicishije mu matora yigenga kandi atawo akumira mu mwaka uza w’2016.
Ico gihugu kikaba casubiye kwiyemeza kuguma hafi y’igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo , mu kugena intumwa idasanzwe y’ico gihugu mu karere k’ibiyaga binini.
Floxella Karire
Messages
1er Ndamukiza 2015, 18:23, par Saguil
Thank u Obama,this is what we were waiting for.Great Lakes Presidents suffer from the same desease:have an everlasting on power.ibi bigategwa nugutinya kwagirizwa amabi bakora yaba ayaboneka canke ayataboneka.Iyo ntumwa ya USA twibaze ko yokwihutira na canecane ikibazo c’Uburundi amaraso ataraseseka kuko intambara bigaragara ko iriko irategurwa.
3 Ndamukiza 2015, 08:54, par JUMA
Ntibigera bahaga aba nyafrica
26 Myandagaro 2015, 15:12, par happy
jyendabona tarikibazo cyoguhaga ahubwo basuzugura abo bayoborara abaturage bagomba kwihitiramo ubayobora aho kuguma kubutegetsi batagushaka!