Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Barack OBAMA yashigikiye icese Hillary Clinton - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack OBAMA yashigikiye icese Hillary Clinton

Barack OBAMA yashigikiye icese Hillary Clinton

vendredi 10 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yashigikiye icese Hillary Clinton. Barack OBAMA akaba yabikoze inyuma y’ibiri Hillary Clinton, yahoze ari umushikiranganaji ajejwe imigenderanire, ashikanye igitigiri gikenewe c’intumwa zizoshikiriza amajwi mw’ikoraniro rikuru ry’umugambwe w’Abademokrate, mu kwezi kwa Mukakaro.

Barack Obama yakeje Hillary Clinton kuba yinjiye mu mateka, mu kuba ariwe yitezweko kuzoserukira umugambwe w’Abademokrate, mu matora y’umukuru w’igihugu azoba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu kwezi kwa Munyonyo 2016.

JPEG - 100.9 ko
Barack OBAMA yashigikiye icese Hillary Clinton

Nk’uko tubikesha VOA, umukuru w’igihugu Barack Obama yabishikirije kuri uwu wa kane, mu masanamu (Video) yasohowe, ku kibanza ngurukanabumenyi c’abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Hillary Clinton.

Barack Obama yahayagije Hillary Clinton, atangaza icese ko amushigikiye, avuga mbere ko yibaza ko ata muntu n’umwe afise ubushobozi bw’’ukuba umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, nka Hillary Clinton.

Obama yavuze ko Hillary Clinton afise ubutwari, umutima w’ukwumva abandi, hamwe n’umutima w’ukuragura neza akazi.

Ingingo y’umukuru w’igihugu Barack Obama y’ugushigikira icese Hillary Clinton yahaye inguvu abajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ciwe, mu gihe agiye gushimikira ku gikorwa c’uguhangana, na Donald Trump, yitezwe guserukira umugambwe w’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri Munyonyo 2016.


IGIHE

Messages

  • UWOMUGABO NAHO ASIGIKIYE UYOMUKENYEZI NTACO YAMAZE NTANICO YAFASHIJE AFRIC ATARI GUTERA ZARIBIYA NUKUDURUMBANYA IBIHUGU NUBURUNDI BURIMWO AFATIRA IBIHANO ABAJEJWE UMUTEKANO KANDI BAKORA BIGASHIMWA HAGUFATIRA IBIHANO ABATERA UBURUND TUTIBAGIYE URWANDA RUBAHA INDARO RUBIGISHA IVYA GISIRIKARE TWARAMUHINYUYE IMANA IZIGAME UBURUNDI NABABUBAMWO IDUHE UMUTIMA WOGUKUNDA IGIHUGU CACU

  • AHO NI VYIZA NANJE NDASHIGIKIYE KO HILAry ATWARA ETATS-UNIS KUKO ARAKWIJE IBISABWA ,UMUKENYEZI NIWE NKINGI Y’ITERAMBERE.

  • UYOMUGORE ARIMURITWAMUJERI NTAKWIYE GUTSINDAMATORA

  • Jewe sabako igihe cogera Barack Obama akabisa abandi kuko ntantwaro yiwe ukobakatuvuze abirabure none obama nigiki yamariye Africa atari ukuturererako ababakuru bibihugu bivyihebe bakirirwa batwicira ubusa gusa mbere jewe shigikiye ko trump wo muba republic kwariwe yotsinda kuko wewe yariyemeje guhasha abobaperezi bigitugi igihe yoramuka atsinze ntavya Obama

  • uyo mugabo nagende ntaco yamariye Afrika atari ukwisuka mubitamuraba agafatira ibihano inzira karengane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.