Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama yatanguye urugendo rwiwe rwa mbere muri Cuba
Barack Obama yatanguye urugendo rwiwe rwa mbere muri Cuba
lundi 21 Ntwarante 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yashitse mu gihugu ca Cuba, mu rugendo rukomeye rw’iminsi ibiri, muri urwo rugendo akazogirana ibiganiro b’abayobozi b’ico gihugu.
Barack Obama niwe mukuru w’igihugu wa mbere wa Reta zunze ubumwe za Amerika agendeye ico gihugu mu myaka 88 iheze.
Muri urwo rugendo yaherekejwemwo n’umuryango wiwe ugizwe n’umugore wiwe hamwe n’abakobwa biwe babiri Sasha na Malia, Barack Obama yashitse muri Cuba kuri uwu w’Imana, areruwe n’indege yiwe Air Force One.
- Barack Obama yaherekejwe n’umugore wiwe hamwe n’abakobwa biwe babiri Sasha na Malia
Bose bakiriwe na Bruno Rodriguez, umushikiranganji w’imigenderanire ya Cuba n’ibindi bihugu, akaba yamenyesheje ko anezerejwe n’ukuba ari muri ico gihugu, kuko urugendo nk’urwo rwaheruka kuba mu mwaka w’1928, uwari umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika Calvin Coolidge akaba yashitse muri ico gihugu bitoroshe mu rugendo yamaze iminsi itatu ari mu nzira. Barack Obama yamenyesheje ko bishimishije kubona yafashe amasaha atatu gusa kugira ashike muri ico gihugu, indege yiwe Air Force One ikururukira ku kibuga c’indege ca Cuba ataho abanje guca.
Barack Obama azobonana muri urwo rugendo na Raul Castro umukuru w’igihugu wa Cuba, bakazoganira ku migenderanire ya poritike n’ubudandaji.
Urwo rugendo rubaye mu gihe hakiri ibihano muvy’ubutunzi Amerika yafatiye Cuba haraheze imyaka 54, bikaba bidategekanijwe ko abo bategetsi bompi baganira kuri ivyo bihano.
Igihugu ca Cuba kikaba kandi kidashimishwa n’ukuba Amerika igifise ibirindiro vy’abasirikare i Guantanamo, ahasanzwe hari ibohero rikomeye rya Amerika.
IGIHE
Messages
21 Ntwarante 2016, 13:08, par Joseph
Niyumvira Mwondekura Nkabishira Muri Memorikadi