Accueil > Amakuru > Mu makungu > Barack Obama yateranye amajambo na Raul Castro
Barack Obama yateranye amajambo na Raul Castro
mardi 22 Ntwarante 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika Barack Obama hamwe n’umukuru w’igihugu wa Cuba Raul Castro bateranye amajambo ku vyerekeye agateka ka zina muntu hamwe n’ibihano muvy’ubudandaji igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika cafatiye Cuba.
Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Cuba, nk’uko tubikesha BBC, Barack Obama yasavye Cuba kubandanya guhindura poritike n’agateka ka zina muntu, mu gihe abategetsi b’ico gihugu boba bashaka ko hasubizwaho imigenderanire imaze imyaka myinshi itifashe neza.
Umukuru w’igihugu wa Cuba Raoul Castro yagirije Amerika ko yiyorobeka, akaba yasavye ko ico gihugu cobakurako ibihano vy’ubudandaji cabafatiye, congere gisubize Cuba izinga rya Guantanamo, aho mukamenya ko Amerika yubatse ibohero ryo gupfunga abagirizwa iterabwoba mu kibanza ca Guantanamo Bay.
Muri urwo rugendo arimwo muri Cuba, ku munsi ugira kabiri, Barack Obama yamenyesheje ko ugukuraho ibihano vy’ubutunzi vyafatatiwe Cuba bizovana n’ingene Cuba izokwihutisha gutorera inyishu ivyo batabona kumwe na Amerika, cane cane kwubahiriza agateka ka zina muntu.
Barack Obama yabwiye Raoul Castro ko agateka ka zina muntu katubahirijwe muri Cuba bizomugora kugondoza inama nshingamateka na nkenguzamateka vya Amerika kugira bihagarike ibihano vyafatiwe ico gihugu.
IGIHE
Messages
22 Ntwarante 2016, 13:04, par GITI
BIRAGOYE ABAGABO NKABO USANGA ARI NDYA NDYA
22 Ntwarante 2016, 13:57, par tari
Nivyiza naze arakebura abobategetsi bigize intumva ataco bakibanga mugabo ntiyibagireko muburundi nkurunziza nakarwi kiwe bagira batumareko abacu anyarutse amudukureko kuko umengo asanuwadebukiwe kikabozo c’uburundi kandi abantu babandanya gupfa kubwishi ihonyangwa ry’agateka kazima muntu ribandanya kwiyongera nkaho umengo nubunyegeri nkurunziza nabo barikumwe bahaye bahonyanga nanyaruke adutabare nkuko yatabaye abanyaribiya na iraq
24 Ntwarante 2016, 08:19, par Deogratias SINZINKAYO
Ni uko nyene iyiganje yimya izindi zirorera, na yo ahandi ho Amerika ntiyokwirata ngo ni yo yotanga akarorero k’ukubahiriza agateka ka muntu. Ibihugu bamaze gutera hagapfa inzirakarengane bingana iki? Ivanguramoko nubu rikigeramiye abirabure na banyamuke muri Amerika ringana iki? Ni biganze nyene kuko bagwije igiceri bakaba bitwaje n’umuheto ukaze, nayo ahandi...NI IBIHENDWA ABANA.
27 Ntwarante 2016, 20:13, par NISHIMWE ARIELLA
AKARUTA AKANDI KARAKAMIRA
28 Ntwarante 2016, 12:32, par didi
Iture Imana Obama numuntu nkatwe ntakibazo c’ Uburundi yokemura hicubahiro Imana niyo iri hejuru yavyose ishira umwe hejuru uwundi ikamucisha bugufi nimutayizera ntakizoshoboka