Accueil > Amakuru > u Burundi > Bararahira bakarengwa ko batageza kuva ku bushikiranganji bwo gufatana mu (...)
Bararahira bakarengwa ko batageza kuva ku bushikiranganji bwo gufatana mu nda
jeudi 16 Gitugutu 2014
Imiryango 40 iri ku bushikiranganji bw’ugufatana mu nda irarahira ikarengwa ko itageze kuva kuri ubwo bushikiranganji, ivyo bemerewe batabibahaye.
Abo bantu bagizwe n’abagabo, abagore, n’abana bakaba barahira bakarengwa ko batageza kuva kuri ubwo bushikiranganji, badahawe n’abo amabati, mu gihe imiryango 17 gusa ariyo yahawe amabati, kandi iyo miryango itagira amazu yo gusakara. Abo banyagihugu n’aho bari bagerageje gusabwa n’umunyamabanga ntayegayezwa w’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda ari kumwe na musitanteri wo mu Rumonge co kimwe n’umuhanuzi wa buramatari ajejwe imibano i Bururi, ko botahuka, abo banyagihugu bakaba bavuze ko batageza kuva aho, kuko aho bagahendewe ari kera.
Bagiriza musitanteri w’iyo komine ko afatikanya n’umukuru w’ikigwati c’amahoro co ku Mutambara ya kabiri, bakababohera amaboko i mugongo. Uyo mukuru w’ico kigwati, bakamwagiriza ko kugira ashire abantu ku ntonde babanza ku mufumbatisha amafaranga atari munsi y’ibihumbi 10.
Mukamenya ko umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ugufatana mu nda, yaciye agena umurwi ugizwe n’abantu babiri, abo nabo bagasabwa kuba bashikirije icegeranyo hatarenze ku munsi wa gatandatu.
Aristide Nizigire
Messages
17 Gitugutu 2014, 02:36, par Kuri
EWE UYO MUSITANTERI NABOGOZWE VYUKURI KUKO URAVYE IVYO BAKORA BITEYE IKIGONGWE IRYO NIBARA KANDI NAMA CAKUBIRI
20 Gitugutu 2014, 10:25, par Aliance
ishire mukibanza cabo bantu vyoshikira ww wovyifatamwo gut? BANYARUKIRIZE kubatunganiriza abo bana bazovamwo abashikiranganji uwomukuru wikigwati naw nimumwihanire ababuze amahoro mungana uko musitanteri naw ababereye intambamyi nimuje kuba iw cank mumubogoze ntakundi IMANA irabakunda ejo niheza nugusenga ...............................